Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani y’Epfo: Amerika iragabisha uworenga ku masezerano y’amahoro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’Epfo: Amerika iragabisha uworenga ku masezerano y’amahoro

Sudani y’Epfo: Amerika iragabisha uworenga ku masezerano y’amahoro

vendredi 28 Myandagaro 2015

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagabishije abategetsi ba Sudani y’Epfo,kutarenga ku masezerano y’amahoro bateyeko umukono,mu ntumbero yo guhagarika intambara zari zimaze igihe muri ico gihugu.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, John Kirby, yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zizokurikirana abategetsi bazohonyanga ayo masezerano, kandi zizoshigikira ibihano bazofatirwa.

Yavuze kandi ko Amerika itazokwemera ivyakozwe n’umukuru w’igihugu Salva Kiir, mu kwifata ku ngingo zimwe zimwe ziri muri ayo masezerano.

Umukuru w’igihugu Salva Kiir yashize umukono ku masezerano ku wa Gatatu igenekerezo rya 26 Myandagaro 2015,inyuma y’indwi Riek Machar yahoze ari icegera ciwe ayashizeko umukono.

Indwano hagati y’abasirikare bashigikiye umukuru w’igihugu n’uwahoze ari icegera ciwe,zari zimaze amezi arenga 20,inyuma yo kuronka intahe yo kwikukira mu mwaka w’2011.


IGIHE

Messages

  • mbe amerika kigum iter ubwob ibihung bitandukany ibon kariy yigiz imana yabantu bos bari kwiyis mbe kobatibuk ko iyaturemy armwe nsa babiturir bibuk ko uwitek nyagasan ayiganz amas

  • ntacizere nakimwe mfise kuvyo basinye kuko bano bantu ivyamayegeko ntaco bibabwiye ubundi bakagomvye kureba ingene tugiye kwicwa ninzara bakareba ukuntu ibintu vyose vyaduze biteye ubwoba hama abene gihugu bonyene ubwabo barimwo bahunga inzara ariko ntihagire ikintu nakimwe leta ibivugako canke ngo ikore namazi yabuzé idalare rikava 385ssp rigashika 1680ssp warangiza ukambarira ngwabo bantu hariciza biteze kuzanira igihugu

  • bariya bo igitoro bafite kizabakorako, isi yose iragikeneye,bazifuza gusubira kwiyunga na soudan du nord bitagishobotse,america iraje ikivome bakanuye amaso, uvuse bamufyete.

  • @Irakunda

    Mwembwe muvyibuka ko arimwe muguma mubica, nimwe mwabaremye? Nimba bashakira amahoro abantu, nuko hariho ibinywa maraso nka bimwe vyuzuye muri reta ya Nkurunziza atakindi birota atari ukwica uwo wese batiyumvira kumwe. Umunyakibi nuwahe muri abo babiri?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.