IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’Epfo : Salva Kiir yongewe ikiringo c’imyaka itatu

Sudani y’Epfo : Salva Kiir yongewe ikiringo c’imyaka itatu

mardi 31 Ntwarante 2015

Ingingo yafashwe n’inama nshingamateka y’igihugu ca Sudani y’Epfo yo kwigiza imbere imyaka itatu ikiringo c’umukuru w’igihugu, imigambwe itavuga rumwe na Reta, ibona ko ari urwenge rwo kwigumiza ku butegetsi.

Imigambwe 18 iri mu runani rutavuga rumwe na Salva Kiir umukuru w’igihugu, bakaba batera ivyatsi iyo ngingo yafashwe n’inama nshingamateka, yo kwongera ikiringo c’imyaka itatu uwo mukuru w’igihugu hamwe n’inama nshingamateka. Babona ko itakurikije amategeko, kandi ko itanakenewe, mbere bakabona ko ibwirizwa nshingiro ryakubiswe hasi, co kimwe n’agateka k’umunyagihugu. Kuri uyu wa 24 Mtwarante, akaba ariho inama nshingamateka yemeza iyo ngingo, yemejwe n’igitigiri gisabwa n’amategeko, nk’uko vyemezwa na Reta.

Ariko rero naho biri uko, intambara zurutavanako zikaba zikomeza kwibonekeza muri ico gihugu. Abarwanya Reta, bavuga ko bishe abasirikare bagera kuri 54, ndetse bafata n’akarere ka Kordofan kari mu Bumanuko hamwe n’igisagara ca Habila. Ariko inzego z’umutekano zikaba zibeshuza ifatwa ry’ico gisagara, aho igisirikare kivuga ko ubwo burere bwose .


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.