Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’epfo: Umukuru w’igihugu agiye guhura n’uwutwara ikiroberi
Sudani y’epfo: Umukuru w’igihugu agiye guhura n’uwutwara ikiroberi
jeudi 8 Rusama 2014
Umukuru w’igihugu ca Sudani y’epfo Salva Kiir hamwe n’uwahoze ari icegera ciwe, ubu arongoye ikiroberi Riek Machar, bagiye kuzobonana kur’uyu wa gatanu i Addis Abeba mu ntumbero yo gutorera inyishu umutekano muke urangwa mur’ico gihugu.
Umubonano hagati y’abo bagabo babiri uzoba ubaye uwa mbere inyuma y’aho intambara yadukiye mu gisirikare hagati y’abayoboka umukuru w’igihugu n’abayoboka Riek Machar ku wa 15 Kigarama mu 2013.

Salva Kiir na Riek Machar bazobonana kur’uyu wa 9 Rusama i Addis Abeba ku butumire bwa Hailemariam Desalegn, umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya. Abaka ari we ahagarikiye ibiganiro vyo kugarukana amahoro muri Sudani y’epfo.
Abari mu mugwi ujejwe kwumvikanisha impande zishamiranye uko ari zibiri, barizera ko uyo mubonano uzofasha kugira amaraso ntasubire guseseka mur’ico gihugu.
Twobamenyesha ko abo bakeba bemeye kwicara hamwe inyuma yaho amakungu abibasabiye, bagatako batanavyemera umunyamabanga mukuru wa Reta Zunzubumwe z’Amerika, John Kerry. Aho yari mu rugendo i Juba kur’uyu wa 2 Rusama.
SIMBARAKIYE Isabelle