IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzania : Abacuruza abantu bafashwe

Tanzania : Abacuruza abantu bafashwe

mercredi 15 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abaraba abinjira n’abasohoka mu gihugu ca Tanzania bahagaritse abantu batanu bakekwa kujana abana b’abigeme mu bihugu vyo mu buseruko bwa Asia hadakurikijwe amategeko.

Abo bahagaritswe bava mu bihugu vya Arabia Saoudite, Maroc, Kenya hamwe na babiri bo mu gihugu ca Tanzania.

BBC ivuga ko abo bantu bari ku rugendo bari kumwe n’abakobwa 12 b’Abarundikazi.
Umukuru w’ibiro biraba abasohoka n’abinjira mu gihugu ca Tanzania, John Msumule yavuze ko abo bakekwako ico caha bafatiwe mu gisagara ca Dar Es Salaam.

Msumule yatangaje ko abo bantu bafashwe ari intambwe ikomeye yo kugwanya ingeso yo kugurisha abantu muri Tanzania.

Mu ndwi iheze, Reta ya Tanzania yatangaje ko abagore barenga 500 baheze mu bihugu vyo mu burasirazuba bwa Asia, inyuma yo kujanwayo bemerewe akazi.


IGIHE

Messages

  • JEW NGOMBAMBAZ NONE KUMENGA ABOBANTU BAJAYO NTIBIBABAY KOBUMVA NABAJAYO BATAGARUKA BAMW BAJA GUKORA UBUMARAYA NONE RETA IBAKUNDA KURUTA UKOBIKUNDA? ABANTU NTABWENG TUGIRA UKUKUNTU TURIKOTURASHAVUZA IMANA NIBIHANO TWIKWEGERA!

  • Babahanwe Hakurikijwe Amategeko Kuko Iyongeso Nihoyogabanuka,abarundikazi Bacunabo Bagarukanwe Mu Gihugu Cabibarutse.

  • Babahanwe Hakurikijwe Amategeko Kuko Iyongeso Nihoyogabanuka,abarundikazi Bacunabo Bagarukanwe Mu Gihugu Cabibarutse.Ariko Bamenye Ko Iyomiri Yabo Ar’urusengero Rw’IMANA,boye Rero Kwikwegera Ibihano, Kuko Iyo Urusengero Ruhumanye Rusamburwa.

  • None babaha akazi nyabaki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.