Tanzania : Abanyamahanga babayo bidakurikije amategeko bagiye kwirukanwa

Yanditswe na IGIHE
Kuya 8 janvier 2016 saa 12:59
Yasomwe : 23508
0 0

Igihugu ca Tanzania catanguye isekeza ryo kurondera no gusubiza iwabo abantu bose baba muri ico gihugu badakurikije amategeko.
Icegera c’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu wa Tanzania, Hamad Masauni, yabwiye abamenyeshamakuru ko ico gikorwa gitanguye inyuma y’aho bibonekeye ko hari abantu benshi b’abanyamahanga bakora muri ico gihugu hadakurikijwe amategeko.
Ico gikorwa kandi gitanguye mu gihe hari haheze iminsi mike ubushikiranganji bw’akazi, busavye ko hoba harahagaritswe impusha (...)

Igihugu ca Tanzania catanguye isekeza ryo kurondera no gusubiza iwabo abantu bose baba muri ico gihugu badakurikije amategeko.

Icegera c’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu wa Tanzania, Hamad Masauni, yabwiye abamenyeshamakuru ko ico gikorwa gitanguye inyuma y’aho bibonekeye ko hari abantu benshi b’abanyamahanga bakora muri ico gihugu hadakurikijwe amategeko.

Ico gikorwa kandi gitanguye mu gihe hari haheze iminsi mike ubushikiranganji bw’akazi, busavye ko hoba harahagaritswe impusha zo gukora akazi muri ico gihugu vy’agateganyo.

Hamad Masauni yavuze ko Reta idashobora kuguma inumye mu gihe abakiri bato mu gihugu babura akazi, mu gihe akazi bokoze kaba kariko gakorwa n’abanyamahanga.

Uwujejwe gukurikirana abinjira n’abasohoka mu ntara ya Dar Es Salaam, John Msumile, yavuze ko bimirije gufata abanyamahanga bashika ku 350.

Kubiraba uruhusha rwo gukora akazi mu mwanya muto, Masauni yavuze ko Reta izotegura ukundi ruzoza rutangwa ku bantu bashaka gukora akazi mu mwanya muto.
Ivyo bishitse inyuma y’aho Reta ironkeye ibirego vyinshi kuri ico kibazo.


Kumenyekanisha

1
Alex 10-01-2016 à 20:55

Ariko Abarundi Babareke Ntibabirukane Kuko Nabarimuburundi Baragowe.

2
Alex 10-01-2016 à 20:42

Ariko, Abarumdi Bario Babareke Ntibabirukane, Kuko Nabarimuburundi Bipfuza Kuvayo.

3
GABURIYER 9-01-2016 à 08:31

NIKUKI ABARUNDI BESHI BAMBURIGWA MURI TANZANIA ? MUGABO .ABATANZANIA .BAJE BAGASUBIRA AMAHORO ?

4
GABURIYER 9-01-2016 à 08:30

NIKUKI ABARUNDI BESHI BAMBURIGWA MURI TANZANIA ? MUGABO .ABATANZANIA .BAJE BAGASUBIRA AMAHORO ?

5
Monami 8-01-2016 à 21:00

Atari Burundi Umengo N Ikuburiro.Mu Bagendesha Imodoka Usanga Ara Banyamahanga Ukamenga Twe Ntitubishoboye Vyoba Vyiza Reta Y Uburundi Ikoze Nkuko. Ntabuhinga,tubuze Atari Ububegito,gusa !

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha