Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanzania: Umunyamwema yagenywe kuba icegera c’umushikiranganji wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzania: Umunyamwema yagenywe kuba icegera c’umushikiranganji wa (...)

Tanzania: Umunyamwema yagenywe kuba icegera c’umushikiranganji wa mbere

vendredi 18 Kigarama 2015

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Magufuli yagenye umunyamwema mu kibanza c’icegera c’umushikiranganji wa mbere.

Bibaye imbonekarimwe kw’isi nzima aho umunyamwema agenwa mu mabanga ahambaye y’igihugu nk’ayo.

Nta yindi nkuru ivugwa canke yandikwa mu bimenyeshamakuru mu gihugu ca Tanzaniya no mu bindi bihugu atari igenwa ry’umunyamwema mu kibanza gihambaye mu butegetsi bwa Tanzaniya.

Igenwa rya nyamwema mu kibanza c’icegera c’umushikiranganji wa mbere rishobora kuzana icizere kuri banyamwema mu gihugu ca Tnzaniya,inyuma yaho bibonekeye ko bari mu bantu umutekano wabo ubangamiwe.

Haraheze igihe hari agitigiri c’abanyamwema bishwe n’abantu bavuga ko barimwo imiti mu buvuzi kama. Mu Burundi naho abatari bake barishwe na cane cane mu ntara ziri mu buseruko bw’igihugu zihana urubibe na Tanzaniya.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.