Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzania: Umunyamwema yagenywe kuba icegera c’umushikiranganji wa (...)
Tanzania: Umunyamwema yagenywe kuba icegera c’umushikiranganji wa mbere
vendredi 18 Kigarama 2015
Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Magufuli yagenye umunyamwema mu kibanza c’icegera c’umushikiranganji wa mbere.
Bibaye imbonekarimwe kw’isi nzima aho umunyamwema agenwa mu mabanga ahambaye y’igihugu nk’ayo.
Nta yindi nkuru ivugwa canke yandikwa mu bimenyeshamakuru mu gihugu ca Tanzaniya no mu bindi bihugu atari igenwa ry’umunyamwema mu kibanza gihambaye mu butegetsi bwa Tanzaniya.
Igenwa rya nyamwema mu kibanza c’icegera c’umushikiranganji wa mbere rishobora kuzana icizere kuri banyamwema mu gihugu ca Tnzaniya,inyuma yaho bibonekeye ko bari mu bantu umutekano wabo ubangamiwe.
Haraheze igihe hari agitigiri c’abanyamwema bishwe n’abantu bavuga ko barimwo imiti mu buvuzi kama. Mu Burundi naho abatari bake barishwe na cane cane mu ntara ziri mu buseruko bw’igihugu zihana urubibe na Tanzaniya.
Van Naris Mugisha
Messages
18 Kigarama 2015, 09:50, par Ejide mwemero.
Ntagitanganje mbonamwo kuko nyamwema numuntu mka bandi. Icongeyeko naco imana yaremye abandi niyo ya muremye.murakoze.
18 Kigarama 2015, 11:57, par EMA
NIVYO
18 Kigarama 2015, 15:05, par zabulon
Mungu apewe sifa !
18 Kigarama 2015, 15:05, par zabulon
Mungu apewe sifa !
18 Kigarama 2015, 17:35, par Safari
John magufuli ongerasana baba,kazinikazi,na mtu ni mtu.tafuta fasiyawalemavu nayo.nawao wajuwekama watuhusika ichini Tanzania.mungu akubariki kwa utawala wa Tanzania
18 Kigarama 2015, 19:17, par Hutsi
None ntafise ivyangombwa kombona mengo nibara riguye canke rikozwe! Jewe nahize ikosha ryajozwe naribuze.
18 Kigarama 2015, 22:27, par Desiré
Nukuri Umukuru Wigihugu Catanzania Imana Imwonger Umugisha Mukugena Mumabanga Y Igihugu Ntaraba Urukoba Cank Ubwoko Araba Uwushoboy Nabandi Niribe Isomo
26 Kigarama 2015, 06:04, par AVITH
NIYIRAMBIRE UYO MU PEREZIDA CEREKANA KO AKUNDA ABO ATWARA
27 Kigarama 2015, 21:16, par Claude
Nimekubali We Ni Lais Mzuri Wa Tanzania Mungu Akubaliki Kwa Hilo