Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya : Ubwicanyi bw’abitwa abarozi bwimonogoje
Tanzaniya : Ubwicanyi bw’abitwa abarozi bwimonogoje
lundi 20 Gitugutu 2014
Mu gihugu ca Tanzaniya habandanya kuvugwa ubwicanyi bugirirwa abantu bagirizwa uburozi. Ivyo bivugwa n’amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu muri ico gihugu, hamwe n’abarongoye igipolisi.
Mu gisagara citwa Ihugi mu ntara ya Shinyanga abantu babiri baragandaguwe bunyamaswa bagirizwa ko ari abarozi nk’uko bivugwa na Justus Kamugisha, umukuru w’igiporisi muri ako karere. Abo bishwe batemagujwe amashoka n’imipanga, bakaba bagirizwa ko baroze umuntu w’umugabo, ubu ibihimba vy’irondoka vyiwe bikaba bitagikora.
Rimwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu aho mu gihugu ca Tanzaniya LHRC (Centre juridique et des droits de l’Homme) rimaze guharura ko kuva mu mwaka w’i 2012, hamaze gupfa abantu bagera ku 3000 bagandaguwe bagirizwa uburozi. Abenshi bicwa, bakaba bagandagurirwa ku mbibe Uburundi buhana n’ico gihugu ca Tanzaniya.
Igiporisi ca Tanzaniya kikagirizwa ko kidashoboye gukingira abo bagirizwa uburozi muri ico gihugu. Bamwe biheka inyuma y’ayandi matati bakica umuntu bamwagiriza uburozi.
Messages
9 Mukakaro 2018, 06:44, par Ndikumagenge felix
Benewacu baba tanzaniya bamugira umutima wikigongwe kwica umuntu umuhoye kwitwango numurozi siwomuti ahubwo yoshikirizwa ubutungane guko iyumwishe uba ucumuye kumana yabaremwe mwese kandi nomumuryango wiciwe ntamwidegemvyo uwuronkana
5 Gitugutu 2018, 20:22, par Mbata pasikari
Makamba Ruvumera