IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya : Ubwicanyi bw’abitwa abarozi bwimonogoje

Tanzaniya : Ubwicanyi bw’abitwa abarozi bwimonogoje

lundi 20 Gitugutu 2014

Mu gihugu ca Tanzaniya habandanya kuvugwa ubwicanyi bugirirwa abantu bagirizwa uburozi. Ivyo bivugwa n’amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu muri ico gihugu, hamwe n’abarongoye igipolisi.

Mu gisagara citwa Ihugi mu ntara ya Shinyanga abantu babiri baragandaguwe bunyamaswa bagirizwa ko ari abarozi nk’uko bivugwa na Justus Kamugisha, umukuru w’igiporisi muri ako karere. Abo bishwe batemagujwe amashoka n’imipanga, bakaba bagirizwa ko baroze umuntu w’umugabo, ubu ibihimba vy’irondoka vyiwe bikaba bitagikora.

Rimwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu aho mu gihugu ca Tanzaniya LHRC (Centre juridique et des droits de l’Homme) rimaze guharura ko kuva mu mwaka w’i 2012, hamaze gupfa abantu bagera ku 3000 bagandaguwe bagirizwa uburozi. Abenshi bicwa, bakaba bagandagurirwa ku mbibe Uburundi buhana n’ico gihugu ca Tanzaniya.

Igiporisi ca Tanzaniya kikagirizwa ko kidashoboye gukingira abo bagirizwa uburozi muri ico gihugu. Bamwe biheka inyuma y’ayandi matati bakica umuntu bamwagiriza uburozi.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.