IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya : Biteze kwicwa inyuma y’aho bagandaguriye umunyamwema

Tanzaniya : Biteze kwicwa inyuma y’aho bagandaguriye umunyamwema

vendredi 6 Ntwarante 2015

Sentare yo mu Buraruko bw’igihugu ca Tanzaniya, yaciriye urubanza rw’ukwicwa abantu bane, bagirwa n’ukwica bunyamaswa umugore w’umunyamwema.

Sentare nkuru y’i Mwanza mu gihugu ca Tanzaniya, ikaba yaciriye urubanza abo bagabo bane, kubera ko bishe umukenyezi w’umunyamwema, mu mwaka w’2008. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rikavuga ko abantu b’abema barenga kuri 70, aribo bishwe mu mwaka w’2000, aho bicwa bamaze gutwarwa bimwe mu bihimba, ivyo navyo, bikaba vyaca bigurishwa amadolare agera ku 600 y’Amerika.

Abarozi n’abapdfumu bo muri ico gihugu ca Tanzaniya, bakaba bagirwa rwose n’abanyagihugu, ko aribo batuma ivyo bihimba, ku bw’imvo zabo z’ibirozi n’ibindi bintazi bitandukanye. Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Jakaya Kikwete, akaba amaze kugabisha akatari gake abo bica abanyamwema, ariko bikaba vyaranse guhera. Avuga ko hari n’abandi bagera kuri 13, barindiriye igihano c’ukwicwa, inyuma y’aho nabone bagirijwe ko bagandaguye umunyamwema, bamuronderako bimwe mu bihimba vyiwe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.