Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tchad : Idriss Deby yashizwe imbere kugira yiyamamaze mu kiringo kigira (...)
Tchad : Idriss Deby yashizwe imbere kugira yiyamamaze mu kiringo kigira gatanu
mercredi 10 Ruhuhuma 2016, par
Umukuru w’igihugu wa Tchad, Idriss Deby Itno niwe yatowe n’umugambwe MPS (Mouvement Patriotique du Salut) kugira azowuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2016.
Idriss Deby Itno ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’1990, akaba amaze gutorwa incuro zine zose, aho hose ku majwi aruta cane ayo abo baba bahiganwe baba baronse. Mu matora yimirije muri Ndamukiza, Idriss Deby Itno azoba yitoje mu kiringo kigira gatanu.
- Idriss Deby Itno arongoye Tchad kuva mu mwaka w’1990
Inyuma y’ikoraniro Kaminuza ry’umugambwe MPS (Mouvement Patriotique du Salut) ryashizeho Idriss Deby Itno kugira abe ariwe azoserukira uwo mugambwe, uwo aramutswa Tchad haraheze imyaka 26 yaciye agabisha abo yise ko ari aboshaka guhungabanya umutekano wa Tchad kubera inyungu zabo.
Umukuru w’igihugu Idriss Deby Itno yabwiye abanywanyi b’umugambwe MPS akomokamwo, mbere asanzwe ari nawe yawutanguje, ko yizeye ko barindiriye uwuzobasotora, kugira bavugutire agati abazoshaka kumubuza gusubira kwiyamamaza.
IGIHE
Messages
10 Ruhuhuma 2016, 21:03, par INTAGOHEKA
AFRICA DUKENEY INTWARI NKA DEBIY NKURUNZIZA BIYEMERA AKOGATI YATEGUYE KUVUGUTIR INTUNVA NIKATABKWIRA ARAZOBAZA NKURUNZIZA AKOYAVUGUTIYINTUNVA ZABATUMUTSI BIRIGWA BARATURIMAPINE NGO BARIKO BAGWANYA 3 EME MANDA NONUBU BAPFUYE BANGARA NKAGAHINI ARIKO RERO NIBUTIYEMERA BAZOGUKORERAKO ARIKO NIBAWIYEMERA UFISINGABO ZIPANZENEZA SONGA MBERE WARARE NKINKONA
11 Ruhuhuma 2016, 01:48, par Rusakumba
Reka turindire ico Samantha Power hamwe na EU ingingo buca bafatira Idriss Deby wa Tchad. Mugabo ntivyodutangaza, na Museveni na Kagame nta nakimwe barakora ngo berekane koko ko bavyiyamirije n’ingufu zose nkuko babibikoze kuri NKURUNZIZA. Barundi Barundikazi, abize n’abatize. Abari mu Burundi n’abari hanze, mugabo aho nshatse kuvuga Abarundi n’Abarundikazi b’umutima, dukanure kuko Samantha n’ako kagwi kiwe bibaza y’uko turi ibijuju, ngo umuzungu avuze ngo duce tugira ubwoba, aho nibahave, umuzungu n’umuntu nk’uwundi, kandi harimwo benshi cane twebwe abarundi tubarusha ubwenge na kure. Ni muhaguruke rero dukingire igihugu cacu, kuko n’ic’abahutu, abatutsi hamwe n’abatwa.
11 Ruhuhuma 2016, 10:36, par Boubou
Rusakamba sha!!!!! Wewe uri n’ingorane mu mutima? Ni kuki umutima wawe wuzuye akagagazo n’ubwishime birenze urugero? Ico womenya co Idris DEBY canke igihugu ciwe ntaho bihuriye na Nkurunziza be n’Uburundi? Uti uki ? Uburundi bwari butwawe hakurikijwe Amasezerano ya Arusha yabonetse haciye imyaka cumi igihugu kiri mu ntambara , hari hamaze guseseka amaraso menshi cane , ngira uravyibika ?Si Nkurunziza rero yari guca arenga ku ndahiro y’abarundi , yarahemukiye igihugu nakumbure avyemere , areke kwihatira kumara abantu kuko niyabandanya umugambwe wanyu uzobibazwa nawe nyene bitebe bitebuke azofatwa n’intahe! Sha ubwo bukazi buri mu mutima wawe n’uburuke igihugu n’ica abarundi bose reke kwitwenga ngo mufise ubutegetsi , ahubwo muriko murya akaziri , muri muyabira ntimuzi ukuryo muzobisohoka mwo!!!!! NAYO KWICA SIWO MUTI!!!