Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tuniziya : Abasirikare n’abanyagihugu 44 baguye mu bitero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tuniziya : Abasirikare n’abanyagihugu 44 baguye mu bitero

Tuniziya : Abasirikare n’abanyagihugu 44 baguye mu bitero

mardi 8 Ntwarante 2016, par egide

Abantu bitwaje ibirwanisho bateye abasirikare ba Tuniziya mu gisagara ca Ben Guerdane, abasirikare bagera kuri 28 akaba aribo bahasize ubuzima.

Ico gisagara cakozweko igitero giherereye ku birometero 30 uja ku rubibe igihugu ca Libye gihana na Tuniziya.

Abo bitwaje ibirwanisho bakoze ibitero bibiri, kimwe ku kirindiro c’abaporisi, ikindi ku birindiro vy’abasirikare, ariko indege za gisirikare zikaba zaciye zihutira gutabara.

Reta ya Tuniziya imenyesha ko n’imiburiburi abantu bagera kuri 44 bagizwe n’abasirikare hamwe n’abanyagihugu basanzwe aribo bahitanwe n’ivyo bitero.

Ubushikiranganji bw’umutekano wa Tuniziya, mw’itangazo bwasohoye, bamenyesheje ko ivyo bitero vyakozwe n’intagondwa zo mw’idini rya Islam.

Abantu batandatu akaba aribo batawe muri yompi n’urwego rw’igendereza, ku mvo z’amatohoza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.