Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tuniziya : Abasirikare n’abanyagihugu 44 baguye mu bitero
Tuniziya : Abasirikare n’abanyagihugu 44 baguye mu bitero
mardi 8 Ntwarante 2016, par
Abantu bitwaje ibirwanisho bateye abasirikare ba Tuniziya mu gisagara ca Ben Guerdane, abasirikare bagera kuri 28 akaba aribo bahasize ubuzima.
Ico gisagara cakozweko igitero giherereye ku birometero 30 uja ku rubibe igihugu ca Libye gihana na Tuniziya.
Abo bitwaje ibirwanisho bakoze ibitero bibiri, kimwe ku kirindiro c’abaporisi, ikindi ku birindiro vy’abasirikare, ariko indege za gisirikare zikaba zaciye zihutira gutabara.

Reta ya Tuniziya imenyesha ko n’imiburiburi abantu bagera kuri 44 bagizwe n’abasirikare hamwe n’abanyagihugu basanzwe aribo bahitanwe n’ivyo bitero.
Ubushikiranganji bw’umutekano wa Tuniziya, mw’itangazo bwasohoye, bamenyesheje ko ivyo bitero vyakozwe n’intagondwa zo mw’idini rya Islam.
Abantu batandatu akaba aribo batawe muri yompi n’urwego rw’igendereza, ku mvo z’amatohoza.
IGIHE
Messages
10 Ntwarante 2016, 05:50, par Sharrif A.R
Kuki ibihe vyose ari intagondwa?Islam tuzi ko ir’iy’amahoro?Nimba aribo,muriga uko impamvu imez!