IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Urwanda rurarajwe ishinga n’icuka kibi kiri mu Burundi

Urwanda rurarajwe ishinga n’icuka kibi kiri mu Burundi

mardi 5 Rusama 2015

Reta y’Urwanda iratewe impungenge n’icuka kibi kirangwa mu Burundi, aho hahotegwa ubuzima bw’abanegihugu. Baratera akamo Reta y’Uburundi kugira ifate vuba bwango ico kibazo mu minwe, kugira bakingira abanyagihugu hasubire kugarukanwa amahoro mu gihugu.

Mw’itangazo ryasohotse kuri uno wa mbere, Reta y’Urwanda yamenyesheje ko ishima akigoro k’amashirahamwe ndetse n’abategetsi bamwe bamwe, yaba abo muri kano karere ndetse nabo mu makungu, aho bagatanga akarorero k’uwurongoye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, ishirahamwe mpuzamakungu rya ONU, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya. Baranashima kandi akamo katewe na Reta zunze ubumwe z’ Amerika aho bahamagarira Reta y’Uburundi gukora uko bishoboka kose amahoro agasubira kugaruka mu gihugu.

PNG - 242.2 ko
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’amakungu mu gihugu c’u Rwanda, Louise Mushikiwabo

Nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’amakungu mu gihugu c’Urwanda, Louise Mushikiwabo, Urwanda ruraranjwe ishinga ni bivugwa kumigenderanire yoba ihari n’abagwanyi ba ba FDLR boba bari ku butaka bw’Uburundi. Bagasaba abatwara igihugu c’Uurundi gukora igishoboka cose kugira bahindure ibintu mu gihugu, amahoro ashobore gutsimbatara. Naho bubahiriza ubwigenge bw’igihugu, budashobora kwinjira mu bibazo vyaco, Urwanda rubona ko umutekano w’abanegihugu ari ikibazo kiraba akarere ndetse n’amakungu, n’uko bivugwa na Louise Mushikiwabo.


Alida S.

Messages

  • Banza ufate neza abahutu bo mu Rwanda wa mukecuru we ntiwisuke mubitakuraba. Interehamwe wazibonye hehe? Ivyo vyitwazo murondera sha muzotubona ntituri abana.

  • Ikintu ni kimwe,Nkurunziza nakureko candudature kuneza y abarundi,ça c est clair,Mugabo Abanyagwanda ntibehende baza mubibazo vyacu,kuko turazi but yabo,n igihe badusanga i Congo mumakambi za Uvira bitwaza interahamwe,murazi ayo twahaboneye,mugabo twe Aba sans échecs bagiye mu nkotanyi,twarabahebeye nubu ubuzima burabandanya nta kwidoga,Kwa hiyo u Burundi si congo,batureke twimwnye,na Onu irabitwemerera,bashaka kuzana ingwano iwacu naho,ntitugoheka,kalibu ku kanyaru!
    Encore une fois,NKUNUNZIZA DEGAGE.

  • Kuki Ubwacu Tuvuga Ururimi Rumwe Ariko Ntitwumvikan ? Urwanda Nawew Urahanzwe Ntusamare

  • adukurire induru abanze ahe agateka abahutu bakwiye mu rwanga ivyo babesha amakangu twe turabizi.le Burundi au Barundais....Burundi for Burundian..
    RWANDA is no better than us kuvyerekeye ivyagateka kabantu.
    hama nkuko babivuze Uburundi si Congo mwagize agataka kurwanda.....imbwa iwacu ziraryanya simisega ....

  • adukurire induru abanze ahe agateka abahutu bakwiye mu rwanga ivyo babesha amakangu twe turabizi.le Burundi au Barundais....Burundi for Burundian..
    RWANDA is no better than us kuvyerekeye ivyagateka kabantu.
    hama nkuko babivuze Uburundi si Congo mwagize agataka kurwanda.....imbwa iwacu ziraryanya simisega ....

  • Nyabunasha wamuvyeyiwe!!! Nindeyaguhenze ngowogira icugezeko ngaha mu Burundi udugiye kucomwise Interahamwe yewe baraguhenze , nubuturacababaye kubamwagiye kwicira impuzi zarimuri Congo nabanye Congo mukabica nkuwica ubunyegeri .turetse nokurota mwibazako mwokwikoza ukwomushaka ngaha Burundi murazosubira Congo kumugaragaro nkukomwabikoze muzorabe kotudasaba uruhusha ababanyibacu baba Congoman tukabahashirizayo. Urabona nguragogota nukuntu abahutu mwabatunatunye kugezanaho numututsi ababwiye atibidukorera ababantu sivyiza mucamubwira IKIGARASHA! TUUUUUUU!

  • hemwe barundi mureke kwidoga sha , icyo tubabwira cyo ntabwo dushobora kwihanganira ko mucumbikira interahamwe peee, niba mwumva umutima wanyu utabashinja gukorana nazo ok!!!! ariko niba muziko zihari mwitegure rwose , ikindi twe ingabo zacu zasezeranye ko nta hantu nahamwe hazongera kuba genocide zirebera , noneho mwe muri na abaturanyi tuzambuka rwose mutwitegure ubushobozi turabufite buhagije abo ba DD imbonerakure interahamwe=genocide, yewe mwe muvuga ibya congo ntabyo muzi ,amahoro dufite ubu nuko twarwanye muri congo iyo tutajyayo ubu nta mahoro tuba dufite, na congo, ndetse namwe agahenge mufite ni ukubera twe , ubwo rero mutuze mucishe make nitubona ari ngombwa tuzaza igisirikare cyanyu turakizi weeeee!!!!!! ntaho mwigeze murwana rwose , eeeehh muzategereze ko umwanzi abarondera!!!!!!!!!!!!

  • Nibaza ko ari vyiza ko Urwanda biruraje ishinga, ariko nibaza ko kubera harimwo abanyarwanda bari mubatera abarundi, nibaza ko hogira ico babivugako, bagatahana abo bantu bariko baradurumbanya

  • Wewe wiyita Nkotanyi nokubwira yuko twebwe tudatinya Urwanda. Nimuze ubu nyene mwa misega tubereke yuko twebwe tutari Congo. Tuce tubasubiza muri Uganda aho muturuka.

  • Mbega mwebwe muraba mudashinga ngo murabyina? niwanyu byabananiye urwanda ruratera ntiruterwa shuti zacu zabarundi ahubwo mutubwire tubahe ubufasha tubigishe icyo gukora mubone amahoro kuko turabakunda ntacyibi twabifuriza

  • Numva muzi vyishi izonguvu mwirata nimuzikoreshe mukubungabung amahoro murikano karere kacu ibisigaye navyo ntakimazi bifite

  • Numva muzi vyishi izonguvu murata nimuzikoreshe mukubungabung amahoro murakakarere kacu ibisigaye navyo ntakimazi bifite

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.