Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ubumwe bwa Afrika buramutswa indongozi nshasha
Ubumwe bwa Afrika buramutswa indongozi nshasha
dimanche 31 Nzero 2016, par
Mu nama igira iya 26 ihuza abakuru b’ibihugu n’ama Reta bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika yatanguye kuri uwu wa gatangatu igenekerezo rya 30 Nzero 2016 gushika kuw’Imana igenekerezo rya 31 Nzero 2016 i Addis Ababa muri Ethiopie, inzego nshasha zirongoye uwo muryango zaratowe.
Idriss Deby Itno umukuru w’igihugu wa Tchad niwe yatorewe kuba umukuru w’umuryango w’ubumwe bwa Afrika. Idriss Deby Itno yafashe ikibanza carimwo Robert Mugabe, umukuru w’igihugu wa Zimbabwe yari amaze umwaka umwe gusa muri ayo mabanga, akaba yari yatowe kw’igenekerezo rya 30 Nzero 2015.
- Idriss Deby Itno umukuru w’igihugu wa Tchad, akaba n’umukuru w’umuryango w’ubumwe bwa Afrika
Paul KAGAME, umukuru w’igihugu w’Urwanda yatorewe kuba icegera c’umukuru w’uwo muryango uhurikiyemwo ibihugu vyo mu muryango w’ubumwe bwa Afrika.
- Paul KAGAME, umukuru w’igihugu w’Urwanda, akaba n’icegera c’umukuru w’umuryango w’ibihugu vyo mu muryango w’ubumwe bwa Afrika
Iyo nama iriko ibera mu gihugu ca Ethiopie ikaba ari iyo gusuzumira hamwe ibibazo vy’umutekano muke uvugwa mu Burundi hamwe n’ibibazo vy’iterabwoba bivugwa ku mugabane wa Afrika.
IGIHE
Messages
31 Nzero 2016, 12:08, par ZENO ZURU
NIVYIZA ARIK NTIYISUKE MUVYUBURUNDI
31 Nzero 2016, 13:59, par Kazehe
IVOBIJEHAGEZEKUBURUNDI, NIBAGIGWEKONIKIBAZOBURUNDI, ABAVUGABAVUGE, IZONGABOZIZE
31 Nzero 2016, 17:17, par None?
Uwomugabo Kagame nubwo yarose akokabanza azokwama yakagiriyemwo ibibazo nintuntunyishi, uwomusi wagatandatu le 30/01/2016 ntiwamuguye neza raba team yigihugu ciwe niho yatsindwa numurwi wigihangange wa Congo, raba umugambi yashizemwo amaherameshi wokurungika MAPROBU Burundi waburijwemwo nabakuru bibihugu bagenziwe mbega arabagiragute azobatakira icarimwe? Intuntu kuri Kagame nabazungu akomeje guhenda ngobamuhaye amahera ivyobashaka vyose mubihugu vy’Africa azobibakorera.
31 Nzero 2016, 17:48, par INTAGOHEKA
NDIPFURIJE AKARUHUKO KEZA INDONGOZI ZIRANGIJE NEZ AKAZIKAZO MUKWANKA KUGENDERAKUMOHE YABABANDI BIYITA BA SINDUMUJA BIRIGWA BARABOROGA MURABAGABO BIJUNJA NIJAMBO TUKONGERA TUKIPFURIZ AKAZI KEZA ABABASUBIRIYE BAZE BAB INTWARI NKAMWE MURAKOZE.ICANYUMA ABAGUMYABANGA MUGIRUMUSI MUKURU KUKO TWIKUYEKO BAMUJERI
31 Nzero 2016, 18:25, par Mukurarinda
Kagame Nawaratowe! Imanizomuturinda; Uburundi Tubayehonabi Kubwiwe Namugenziwe Buyoya. Arikimanikoribikomey. Tuzobana Nawe Nkururimi Namenyo. Nkurunziza Nadutegurire Igikorane Camashengesho, Imanitumurinde. Urwanda Turwipfurije Imigisha. Matayo5:7. Abahenzwe Bagahungiriw Nibiyizer Iburundi Iwabo. Mubonatahenze Abanyamurenge Ngwazobaha Congo! Nonebacitse Abacakara Arabahemberwa Ngwatunzimpunzi.
1er Ruhuhuma 2016, 12:28, par Imbonerakure y’ukuri
none mugabo Nkurunziza yaba yahawe ayahe mabanga mubandi bagabo?! yaba yitabiriye iyo nama?! hahahahahaha, nuwo kwiga abana naba mamans wabo, guhenda urwaruka rw’imbonerakure . Naho wowe wiyita None? nagirango nkwibutse ko intamba ku rugamba za Nkurunziza zitabashije kubona ticket yo kujya muri iryo higanwa.
2 Ruhuhuma 2016, 14:32, par JEROME
TURAKEJE INDONGOZI NSHASHA NKA KAGAME NA MUGENZIWE IDRISS DEBBY NKUMBUMBURE BAZOKIZA AFRIKA YOSE KUKO IRAGWAYE
3 Ruhuhuma 2016, 20:12, par Tubirabe
Bakiza ibiki abo ko aribamemuke ndamuke babazungu kagame niwe yafashe iyambere ngo Muhammar Gaddafi hama uwo yofashiki?Muri DRCongo niwe abazungu batuma ahubwo bigiye kunyuka.Nkaba ntihenze africa twari dufise abo twokwitwa intwari ni Mandela Gaddafi na Blaise compaore na Mugabe R.We tugifise uyumusi ariko kubwo gukura nokubura abamushigikira bicabimugora ivyo yokora.