Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubumwe bwa Afrika buramutswa indongozi nshasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ubumwe bwa Afrika buramutswa indongozi nshasha

Ubumwe bwa Afrika buramutswa indongozi nshasha

dimanche 31 Nzero 2016, par egide

Mu nama igira iya 26 ihuza abakuru b’ibihugu n’ama Reta bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika yatanguye kuri uwu wa gatangatu igenekerezo rya 30 Nzero 2016 gushika kuw’Imana igenekerezo rya 31 Nzero 2016 i Addis Ababa muri Ethiopie, inzego nshasha zirongoye uwo muryango zaratowe.

Idriss Deby Itno umukuru w’igihugu wa Tchad niwe yatorewe kuba umukuru w’umuryango w’ubumwe bwa Afrika. Idriss Deby Itno yafashe ikibanza carimwo Robert Mugabe, umukuru w’igihugu wa Zimbabwe yari amaze umwaka umwe gusa muri ayo mabanga, akaba yari yatowe kw’igenekerezo rya 30 Nzero 2015.

JPEG - 20.1 ko
Idriss Deby Itno umukuru w’igihugu wa Tchad, akaba n’umukuru w’umuryango w’ubumwe bwa Afrika

Paul KAGAME, umukuru w’igihugu w’Urwanda yatorewe kuba icegera c’umukuru w’uwo muryango uhurikiyemwo ibihugu vyo mu muryango w’ubumwe bwa Afrika.

JPEG - 94.4 ko
Paul KAGAME, umukuru w’igihugu w’Urwanda, akaba n’icegera c’umukuru w’umuryango w’ibihugu vyo mu muryango w’ubumwe bwa Afrika

Iyo nama iriko ibera mu gihugu ca Ethiopie ikaba ari iyo gusuzumira hamwe ibibazo vy’umutekano muke uvugwa mu Burundi hamwe n’ibibazo vy’iterabwoba bivugwa ku mugabane wa Afrika.


IGIHE

Messages

  • NIVYIZA ARIK NTIYISUKE MUVYUBURUNDI

  • IVOBIJEHAGEZEKUBURUNDI, NIBAGIGWEKONIKIBAZOBURUNDI, ABAVUGABAVUGE, IZONGABOZIZE

  • Uwomugabo Kagame nubwo yarose akokabanza azokwama yakagiriyemwo ibibazo nintuntunyishi, uwomusi wagatandatu le 30/01/2016 ntiwamuguye neza raba team yigihugu ciwe niho yatsindwa numurwi wigihangange wa Congo, raba umugambi yashizemwo amaherameshi wokurungika MAPROBU Burundi waburijwemwo nabakuru bibihugu bagenziwe mbega arabagiragute azobatakira icarimwe? Intuntu kuri Kagame nabazungu akomeje guhenda ngobamuhaye amahera ivyobashaka vyose mubihugu vy’Africa azobibakorera.

  • NDIPFURIJE AKARUHUKO KEZA INDONGOZI ZIRANGIJE NEZ AKAZIKAZO MUKWANKA KUGENDERAKUMOHE YABABANDI BIYITA BA SINDUMUJA BIRIGWA BARABOROGA MURABAGABO BIJUNJA NIJAMBO TUKONGERA TUKIPFURIZ AKAZI KEZA ABABASUBIRIYE BAZE BAB INTWARI NKAMWE MURAKOZE.ICANYUMA ABAGUMYABANGA MUGIRUMUSI MUKURU KUKO TWIKUYEKO BAMUJERI

  • Kagame Nawaratowe! Imanizomuturinda; Uburundi Tubayehonabi Kubwiwe Namugenziwe Buyoya. Arikimanikoribikomey. Tuzobana Nawe Nkururimi Namenyo. Nkurunziza Nadutegurire Igikorane Camashengesho, Imanitumurinde. Urwanda Turwipfurije Imigisha. Matayo5:7. Abahenzwe Bagahungiriw Nibiyizer Iburundi Iwabo. Mubonatahenze Abanyamurenge Ngwazobaha Congo! Nonebacitse Abacakara Arabahemberwa Ngwatunzimpunzi.

  • none mugabo Nkurunziza yaba yahawe ayahe mabanga mubandi bagabo?! yaba yitabiriye iyo nama?! hahahahahaha, nuwo kwiga abana naba mamans wabo, guhenda urwaruka rw’imbonerakure . Naho wowe wiyita None? nagirango nkwibutse ko intamba ku rugamba za Nkurunziza zitabashije kubona ticket yo kujya muri iryo higanwa.

  • TURAKEJE INDONGOZI NSHASHA NKA KAGAME NA MUGENZIWE IDRISS DEBBY NKUMBUMBURE BAZOKIZA AFRIKA YOSE KUKO IRAGWAYE

  • Bakiza ibiki abo ko aribamemuke ndamuke babazungu kagame niwe yafashe iyambere ngo Muhammar Gaddafi hama uwo yofashiki?Muri DRCongo niwe abazungu batuma ahubwo bigiye kunyuka.Nkaba ntihenze africa twari dufise abo twokwitwa intwari ni Mandela Gaddafi na Blaise compaore na Mugabe R.We tugifise uyumusi ariko kubwo gukura nokubura abamushigikira bicabimugora ivyo yokora.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.