IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uburusiya bwatanguye gukura abasirikare babwo muri Siria

Uburusiya bwatanguye gukura abasirikare babwo muri Siria

mardi 15 Ntwarante 2016, par egide

Iyo ngingo y’ugukura abasirikare b’Uburusiya muri Siriya ifashwe inyuma y’umunsi umwe gusa umukuru w’igihugu Vladmir Putin amenyesheje ko abo basirikare bagiye gukurwayo kuko ihangiro ryatumye bajayo barishitseko.

Amakuru dukesha BBC avuga ko ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya bumenyesha ko indege ziri muri Syria ziriko zirapakirwa ibikoresho bigiye gusubizwa mu Burusiya.

Umukuru w’igihugu Vladmir Putin yavuze ko isekeza ry’ibitero vyakozwe mu ntumbero yo gushigikira umukuru w’igihugu Assad ryatumye ibintu bihinduka, ku buryo habonetse akaryo keza ko gutangura ibiganiro vy’amahoro.

Ibihugu vya Buraya na Amerika ariko vyakiranye ubwitonzi ayo makuru y’Uburusiya yo kuva muri Syria.

Umukuru w’igihugu Barack Obama yavuganye na mugenzi we Vladmir Putin, aho yashimikiye ku kwerekana ko hakenewe ubutegetsi mfatakibanza muri Siria.

Tukakamenyesha ko Reta ya Syria ihakana ko hoba hari ico yoba yapfuye na Reta y’Uburusiya.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.