Uganda : Abamenyeshamakuru babujijwe kuvuga ibikorwa vy’umugambwe FDC

Yanditswe na IGIHE
Kuya 6 Rusama 2016 saa 09:02
Yasomwe : 16821
0 0

Ubutegetsi bwa Uganda bwamenyesheje ko buzofatira ibihano bikomeye abamenyeshamakuru bazoshikiriza amakuru yamamaza ibikorwa vy’umugambwe FDC utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Kaguta Yoweri Museveni. Bimwe mu bihano bizofatwa na Reta ya Uganda akaba ari ukwaka umumenyeshamakuru uburenganzira bwo gukora canke gupfunga umumenyeshamakuru azoba yarenze kuri iyo ngingo.
Abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Uganda bamaze iminsi batana mu mitwe n’igiporisi, kuva habaye amatora y’umukuru (...)

Ubutegetsi bwa Uganda bwamenyesheje ko buzofatira ibihano bikomeye abamenyeshamakuru bazoshikiriza amakuru yamamaza ibikorwa vy’umugambwe FDC utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Kaguta Yoweri Museveni. Bimwe mu bihano bizofatwa na Reta ya Uganda akaba ari ukwaka umumenyeshamakuru uburenganzira bwo gukora canke gupfunga umumenyeshamakuru azoba yarenze kuri iyo ngingo.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Uganda bamaze iminsi batana mu mitwe n’igiporisi, kuva habaye amatora y’umukuru w’igihugu muri Uganda igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2016, amatora yatsinzwe na Yoweli Kaguta Museveni, n’aho abatavuga rumwe nawe biyamiriza ivyavuye muri ayo matora.

Abategetsi n’abanywanyi b’umugambwe FDC utavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Uganda bari bateguye kuri uwu wa kane imyiyerekano yo gusaba ko hasubira gusuzumwa ibiharuro vyavuye mu matora, ariko igiporisi kikaba kitabahaye agahengwe.

Abaporisi benshi bari bameze magabo mu mabarabara ya Kampala kugira baburizemwo iyo myiyerekano, tukabibutsa ko umukuru w’uwo mugambwe FDC, Kizza Besigye, agipfunzwe ic’amaso, ku rugo iwe.

Nk’uko bivugwa na VOA dukesha iyi nkuru, umushikiranganji wo kumenyeshamakuru yaciye atunganya ikiganiro kuri uwu wa kane, akaba yafashe ingingo ko ibinyamakuru bibujijwe gutangaza amakuru ku bikorwa vy’umugambwe FDC, kandi ko uwo mugambwe utarekuriwe gutunganya ibiganiro ku bamenyeshamakuru hamwe n’ibindi biganiro.

Bimwe mu bihano bizofatwa na Reta ya Uganda akaba ari ukwaka umumenyeshamakuru uburenganzira bwo gukora canke gupfunga umumenyeshamakuru azoba yarenze kuri iyo ngingo.


Kumenyekanisha

1
Swingi Love 6-05-2016 à 14:40

Ewe.Ntawutosora Ikiranshi Camugenziwe Ataratosora Gwiwe.Man Tube Hafi.Nayabandibo Namacandwa.

2
roza kamikazi 6-05-2016 à 12:44

ewe afrika warapfuye ngo uwo niwe azotorera umuti ingorane ziri burundi.

3
MUYAHUDI 6-05-2016 à 11:48

NTAGITANGAJE MURI AFRIQUE NUKOVYAMA VYOKUBURAGIZABANTU! NN MUBAZUNGU KOBATIGERA BARYANIRA UBUTEGETSI? ABANYAFRIKA TURAKWIY NTAGITANGAJE MURI AFRIQUE NUKOVYAMA VYOKUBURAGIZABANTU! NN MUBAZUNGU KOBATIGERA BARYANIRA UBUTEGETSI? ABANYAFRIKA TURAKWIY GUHINDURA

4
Ndabirorere j.Jaurès 6-05-2016 à 09:41

Demokarasi àl’africaine oyeee.Afrika ikeneye ibintu 3 kugira yitwe Afrika koko:gukuraho ibwirizwa shingiro,gukura izina perezida rigahinduka umwami,gukura amatora.Ngiyo Afirika izira uburyarya ibindi ni ikinamico.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha