IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Abantu indwi bagirijwe gukora ibitero vy’iterabwoba

Uganda : Abantu indwi bagirijwe gukora ibitero vy’iterabwoba

vendredi 27 Rusama 2016, par egide

Sentare muri Uganda yagirije intagondwa z’abayisilamu 7 icaha co gukora ibitero vy’ibisasu ku bubare bwari buteramiyemwo abantu i Kampala, bariko bakurikirana inkino za nyuma z’igikombe c’isi c’umupira w’amaguru mu mwaka w’2010. Ivyo bitero vyahitanye abantu barenga 70.

Muri urwo rubanza, umucamanza yambitse izera abandi batandatu nabo bari bakurikiranwako icaha c’iterabwoba.

Umucamanza Alfonso Owiny-Dollo yamenyesheje ko yisunze ivyashikirijwe n’ababonye ivyabaye umunsi w’ivyo bitero, yafashe ingingo ko Isa Ahmed Luyima ariwe yari ayoboye abakoze ivyo bitero, abitumwe n’umurwi w’abarwanyi b’intagondwa zo muri Somalia (Al-Shabaab).

Abagirjwe ico caha c’iterabwoba bagizwe n’abanya Kenya batandatu, abaganda batanu hamwe n’abanya Tanzaniya babiri.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.