Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Amatora y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka yamaze gutangura
Uganda : Amatora y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka yamaze gutangura
jeudi 18 Ruhuhuma 2016, par
Abanyagihugu bagera ku miriyoni 15 bo mu gihugu ca Uganda bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kane igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2016. Abariko bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ni umunani, harimwo na Yoweri Kaguta Museveni aramutswa ico gihugu kuva mu mwaka w’1986.
Nk’uko vyashikirijwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora muri Uganda, ibiro vy’amatora vyugururwa isaha imwe yo mu gitondo, bikaza kwugarwa isaha cumi z’umugoroba.

Mu gihe abitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu bagera kuri munani, ibibanza abashingamateka bahiganirwa bigera ku 290.
Amasaha y’ugutangurirako gutora ntiyubahirijwe, kuko yari yagiye gutangura neza na neza nk’igihe c’isaha zibiri zibura, mu gihe yari gutangura isaha imwe yo mu gitondo.
N’aho amatora yamaze gutangura muri rusangi mu bice bitandukanye, nk’ugushika isaha zitanu z’umurango, hari aho atari bwatangure bitewe n’impapuro hamwe n’ibindi bikoresho bitarashika mu bibanza bimwe bimwe.

Abahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu bagizwe n’abagabo indwi, hamwe n’umugore umwe. Abo nabo ni Yoweri Kaguta Museveni, Kiiza Besigye, Amama Mbabazi, Vanensius Baryamureeba, Général Major Benon Biraro, Abed Bwanika, Joseph Mabirizi, hamwe na Maureen Kyalya ari nawe mugore wenyene ari mubahiganwa.
Abahabwa amahirwe ni Yoweri Kaguta Museveni aramutswa ico gihugu ca Uganda, Kiiza Besigye hamwe na Amama Mbabazi yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Uganda.
- Abahabwa amahirwe
IGIHE
Messages
18 Ruhuhuma 2016, 23:35, par remi
icobivakokuvamurisentarempanavyaha.nuku,babashakagukora.ubwicanyikugirantihazehagire,uwibitwarira.iyobamaze.abantu.emwe!imwaka(30)utwara,nyimbarifarawo.agatekasinyakubahwa!
19 Ruhuhuma 2016, 14:05, par ok
aba nabo ngirango mufite ikibazo mu mutwe .nones ko mwicana mu maze igihe kingana iki ku butegetsi?