Uganda : Benjamin Netanyahu yanamiye ikibanza ciciwemwo mukuru we

Yanditswe na IGIHE
Kuya 4 Mukakaro 2016 saa 06:01
Yasomwe : 30519
0 0

Umushikiranganji wa mbere wa Israeli, Benjamin Netanyahu yatanguye urugendo mu bihugu vyo muri Afrika. Urwo rugendo yarutanguriye mu gihugu ca Ouganda, akaba ari muri ico gihugu mukuru we yiciwe, mu mwaka w’1976, aho hari abanyisrayeli bari bagizwe imbohe.
Benjamin Netanyahu yururukiye ku kibuga c’indege ca Entebbe, mu Buganda, aho abasirikare ba Israyeli batabariye ingenzi z’abanyisrayeli, itariki 4 y’ukwezi kwa Mukakaro, mu mwaka w’1976. Izo ngenzi zari zigizwe n’abanyisrayeli, zishika (...)

Umushikiranganji wa mbere wa Israeli, Benjamin Netanyahu yatanguye urugendo mu bihugu vyo muri Afrika. Urwo rugendo yarutanguriye mu gihugu ca Ouganda, akaba ari muri ico gihugu mukuru we yiciwe, mu mwaka w’1976, aho hari abanyisrayeli bari bagizwe imbohe.

Benjamin Netanyahu yururukiye ku kibuga c’indege ca Entebbe, mu Buganda, aho abasirikare ba Israyeli batabariye ingenzi z’abanyisrayeli, itariki 4 y’ukwezi kwa Mukakaro, mu mwaka w’1976. Izo ngenzi zari zigizwe n’abanyisrayeli, zishika kw’ijana n’abari batwaye indege ya Air France barimwo. Jonathan Netanyahu, mukuru wa Benjamin Netanyahu, akaba ariwe wenyene yahasize ubuzima.

VOA ivuga ko inyuma y’ibirori vyabereye aho ku kibuga c’indege, Netanyahu yaciye aja mu nama y’abategetsi bo mu karere, inama yari yerekeye ivy’umutekano.

Israel idomwako urutoke kenshi n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, kuba iri mu karere ka Cisjordaniya, n’umuhora wa Gaza. Isaba ibihugu vya Afrika gufasha ONU mu kugwanya iterabwoba, nayo Isirayeli igaheza igafasha ivyo bihugu ku vyerekeye ubumenyi n’amafaranga.

Umushikiranganji wa mbere wa Israeli, Benjamin Netanyahu, yahavuye yurira indege, agana igihugu ca Kenya, akazogendera kandi ibihugu vya Etiyopiya hamwe n’Urwanda mu minsi ine yategekanirije urwo rugendo.


Kumenyekanisha

1
NTAHOMBAYE 8-07-2016 à 22:32

Netanyahu wenyene numwicanyi wumvayofashiki umwicanyi mugenziwe gute?

2
JAI HO 7-07-2016 à 19:34

NUKWIHANGAN IMAN YONYEN NIYO IBIBON

3
imbonerakure 5-07-2016 à 18:32

kuki atasabye U BURUNDI nabwo kurwanya iterabwoba?!...kuki atazasura U BURUNDI?!...kuki adaha bourses abarundi?!...reponse= U BURUNDI buyobowe nabi

4
Burundi 5-07-2016 à 16:16

Adolphe ikwiye kubuga make murogumana agahinda mu mitima.Uburundi bwino munsi sibumwe bwa Ndadaye na Ntibantunganya.Nubwabarenze mwishamba .barazi kobwabagoye.Subiza imitima munda na YESU arogaruka mutarasubira gukorako.Nimurye ibigori Imahama.

5
Aferky 5-07-2016 à 10:00

None Peter kwaguma ariwenyene, ko ataronderera abarundi abagenzi, iterambere azorishikako gute? Mu manama ntajayo, akigoro ko kugira ngo abarundi batembere muri east africa kurangamuntu wapi. Abarundi muracagowe nukuri, nuduharage mwahora mugurira mu rwanda barabankiye.

6
Adolph Nshimirimana 4-07-2016 à 21:22

Rwanda bandanya gutera imbere nkumuzinga urekane na nkurumbi wacu yishinga kwica inzirakarengane.

7
MUYAHUDI 4-07-2016 à 18:38

IZUNGURUKIR MUTAMA YESU YARABAHEZAGIY

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha