Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kizza Besigye yasubiriwe gutabwa mu mvuto
Kizza Besigye yasubiriwe gutabwa mu mvuto
vendredi 19 Ruhuhuma 2016, par
Mu gihe igikorwa c’uguharura amajwi yavuye mu matora y’umukuru w’igihugu kibandanya muri Uganda, igiporisi casubiriye guta mu mvuto Kizza Besigye, umukuru w’umugambwe FDC utavuga rumwe n’umugambwe wa Kaguta Yoweri Museveni uri ku butegetsi muri ico gihugu.

Igiporisi ca Uganda cagize umukwabu ku cicaro gikuru c’umugambwe FDC mu gisagara ca Kampala, gifata Kizza Besigye, ahiganwa na Yoweri Museveni mu matora yabaye kuri uwu wa kane, akaba ariwe ari mu kibanza ca kabiri mu biharuro vy’agateganyo.
Igihe Kizza Besigye yatabwa muri yompi, yagira atange ikiganiro ku bamenyeshamakuru, akaba atabwiwe igituma ahagaritswe, n’aho ajanwe gupfungirwa.
Kuri uwu wa gatanu, ibaye incuro igira gatatu mu ndwi imwe gusa igiporisi gipfunga Kizza Besigye. Kuwa mbere, yari yafashwe yagirizwa gukora imyiyamamazo inyuranye n’amategeko.
Kuri uwu wa kane umunsi w’amatora, Kizza Besigye yatawe muri yompi ahorwa ko yagerageje kwinjira mu biro vy’itora vyavugwamwo ubusuma bw’amajwi.
Ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu, ahari ingoro y’umugambwe FDC wa Kizza Besigye hakaba hari abaporisi n’abasirikare benshi.

Ibiharuro vy’agateganyo vyerekana ko Yoweri Kaguta Museveni ari mu kibanza ca mbere, n’amajwi 62 kw’ijana, mu gihe Kizza Besigye atavuga rumwe nawe agira kabiri n’amajwi 33 kw’ijana.
Bitegekanijwe ko uwuzotsinda muri ayo matora azoba afise amajwi ari hejuru y’ibice 50 kw’ijana. Bitagenze uko naho, hazoca hategurwa amatora ku ncuro ya kabiri.
IGIHE
Messages
20 Ruhuhuma 2016, 06:46, par nestor sabuf
ahoyamaze kurengana vyahenze niharekugwe orya mu opose wiwe gusa
20 Ruhuhuma 2016, 07:53, par Joel
Mugabo Ntavyemezo Bifadika Bamufatiye. Ikibinukwo Yarigufatanwa Ikirwanisho Ngwahungabaye Umutekano Nkuko Nabibona Kubiyamamaza Muburundi. Vyerekanako Abajejwe Umutekano Bobabarariye Ruswa.
20 Ruhuhuma 2016, 08:17, par ernest
Iconikimenyetso cerekana Yuko abakuru bibihugu batari bake bafrica badashaka amatoro none kobaba birirwa baravuga ko abanyagihugu babakunda kubera baba ngobarabakoreye neza ubwobwoba bagira nubwigi hageze guhiganwa none kobavugango museveni arimbere none iyo tuyite intsinzi kandi yagumye atoteza uwobahanganye jewe mbona abakuru bibihugu bamwe bamwe bomuri Africa baribakwiye kwibandaniriza bagatwara bitiriwe biraca mumatora kuko benayo ntaba Ari amatora ninkina mico ahasigaye Ngo museveni azohuza abarundi nzobandora
20 Ruhuhuma 2016, 09:39, par djuma
uwojamukibanzacambere.ahigish’abandi.igiporisiyabonyekobamurushije.ivyonink’ayamatorayabamurundi.ibiharuvyagateganyo
22 Ruhuhuma 2016, 11:23, par MANU
HIYOJYAKWIYAMAMAZA UTARABANJEKUBAZA ABAKURU WASHAKAGAKUGERA KUKI, UGOMBA KUGURA INGOFERONKIZA MUSEVENI UBUNDIBAKAKUGABANYIRIZA