Uganda : Kizza Besigye yemerewe guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu

Yanditswe na IGIHE
Kuya 4 novembre 2015 saa 08:19
Yasomwe : 17451
0 0

Umurwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Uganda yemeje ko Kizza Besigye yokwiyamamaza mu matora y’uguhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu mwaka w’2016.
Muri ayo matora, Kizza Besigye azoserukira umugambwe wa FDC (Forum for Democratic Change), usanzwe ariwo mugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta ya Uganda.
Inyuma y’ukwo kwemererwa kuzokwitoza, ijambo yarivugiye kibuga ca Nakivubo, ari kumwe n’abakunzi biwe isinzi.
Abandi bamaze kwemererwa kuzokwiyamamaza bitegurira amatora (...)

Umurwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Uganda yemeje ko Kizza Besigye yokwiyamamaza mu matora y’uguhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu mwaka w’2016.

Muri ayo matora, Kizza Besigye azoserukira umugambwe wa FDC (Forum for Democratic Change), usanzwe ariwo mugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta ya Uganda.

Inyuma y’ukwo kwemererwa kuzokwitoza, ijambo yarivugiye kibuga ca Nakivubo, ari kumwe n’abakunzi biwe isinzi.

Abandi bamaze kwemererwa kuzokwiyamamaza bitegurira amatora y’umukuru w’igihugu ca Uganda ni Yoweri Kaguta Museveni wo mu mugambwe NRM uri ku butegetsi, agira akwize imyaka 30 ku butegetsi, Amama Mbabazi azokwiyamamaza nk’uwigenga, hamwe na Prof Venansius Ryamureeba nawe nyene azokwiyamamaza nk’uwigenga.


Kumenyekanisha

1
cumacindubaruba 5-11-2015 à 13:26

intambara zozo ziracakomeza muri afrika, basha rindire gato gusa murabe akayagwa i bugande. nta bessige na yoweli bazokworoherezanya mumatora ndabarahiye.

2
codo ottomanh 5-11-2015 à 06:29

nibahitemo uzabageza kumajyambere
arambye.riko,ntamvururubiteje

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha