IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Museveni yagize umugore umushikiranganji

Uganda : Museveni yagize umugore umushikiranganji

mardi 7 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu ca Uganda, Yoweli Kaguta Museveni, yagenye umugore wiwe Janet Kataaha Museveni mu mabanga y’umushikiranganji ajejwe inyigisho hamwe n’inkino.

Kuri uwu wa mbere niho umukuru w’igihugu Kaguta Yoweri Museveni yashiraho abagize Reta yiwe nshasha, aho Kiwanuka Edward Ssekandi yagizwe icegera c’umukuru w’igihugu, mu gihe Dr. Ruhakana Rugunda yahawe amabanga y’ukuba umushikiranganji wa mbere wa Uganda.

Muri iyo Reta nshasha ya Museveni, Janet Kataaha, umugore wiwe, yagizwe umushikiranganji w’inyigisho hamwe n’inkino.

JPEG - 351.1 ko
Janet Kainembabazi Kataaha Museveni, umugore wa Yoweri Kaguta Museveni

Janet Kainembabazi Kataaha Museveni yavukiye mu gace ka Bwongyera mu Karere ka Ntungamo igenekerezo rya 24 Ruheshi 1948.

Yize amashuri y’intango mw’ishure rya Kyamate na Bweranyangi Girls’ Senior Secondary School.

Yubakanye na Yoweri Kaguta Museveni mu mwaka w’1973.

Janet Museveni yashinze ishirahamwe ryitaho abagore, ariryo Uganda Women’s Effort to Save Orphans (UWESO). Yagiye aragira uruhara rutandukanye mu bikorwa vyo kurwanya Sida muri Uganda mu myaka y’1990.


IGIHE

Messages

  • Museveni arushije abami! N’ivyo batokwubahutse wewe arabikora!
    Agire Imana bimwerere nka Bongo!

  • Museven Yaramaz Kubona ko Uganda Ari Akarima Yigaruriy Ivyo Akoz Murayamezi Bigizwe Muburundi Niyirimundatwokwe Mera Ikavayo Ntaburundi Tuzigera TUgabira Umugabo Umwe nkuko!!

  • Nyenicubahiro Museveni, ese ukuntu ngukunze! Rwose abarundi bahakura icirwa!!

  • Ahasigaye ngo bamugize umuhuza mungorane zacu none wumva atandukaniyehe na nkurunziza yirirwa arapfungira ubusa abobitavuga rumwe yiyemeza kwariwe yatsinze amatora kandi atarivyo aribinyoma bigaragara ahubwo ndasaba Donald Trump rwatsinde amatora hanyuma amukure kubagande nkuko yavyemeye

  • Ahasigaye ngo bamugize umuhuza mungorane zacu none wumva atandukaniyehe na nkurunziza yirirwa arapfungira ubusa abobitavuga rumwe yiyemeza kwariwe yatsinze amatora kandi atarivyo aribinyoma bigaragara ahubwo ndasaba Donald Trump rwatsinde amatora hanyuma amukure kubagande nkuko yavyemeye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.