IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umuhungu wa Museveni yagizwe Général-Major mu gisirikare ca Uganda

Umuhungu wa Museveni yagizwe Général-Major mu gisirikare ca Uganda

mardi 17 Rusama 2016, par egide

Umukuru w’igihugu wa Uganda Yoweri Museveni yongeye ipete umuhungu wiwe, Kainerugaba Muhoozi, amushira ku rwego rwa Général-Major mu gisirikare ca Uganda.

Uwo muhungu wa Museveni yahora kw’ipete rya Brigadier-Général, akaba aduze mu kiringo c’imyaka ine gusa yari amaze ahawe iryo pete. Arushije ipete umushikiranganji wa Uganda ajejwe kwivuna abansi, Général Katumba Wamala.

Général-Major Kainerugaba Muhoozi, umuhungu wa Yoweri Museveni afatwa nk’uwa mbere akomeye mu gisirikare ca Uganda, akaba ariwe mukuru w’urwego rudasanzwe rufatwa nk’igisirikare mu kindi gisirikare, nk’uko tubikesha BBC.

JPEG - 60.2 ko
Général-Major Kainerugaba Muhoozi, umuhungu wa Yoweri Museveni

Urwo rwego ruyobowe n’umuhungu wa Yoweri Museveni rufise ibisata vyose bigize igisirikare ca Uganda, aho twobabwira nk’inteko zirwanira ku hasi (ku butaka), hamwe n’izirwanira mu kirere.

Urwo rwego atwara nirwo kandi rujejwe gucungera umukuru w’igihugu hamwe n’ibindi bibanza bikomeye vya Reta ya Uganda, nk’akarorero amasoko y’ibitoro.


IGIHE

Messages

  • none yarikureka gukomera gute kandi se wiwe yari président de la république? bibonekana koyize amashure arindaja nomugisirikare SE arikubutegetsi càd hampande yuko yaronkivyangombwa vyose yagirirwa nama faveur menshi kubera SE nk’uko bigaragara mwiduzwa ryama pete yiwe kibibriraho.
    kwakomeye nagende somalia atugirire pratique turabe kwakora na 1/2 y’ivyo abasirikare bacu b’abarundi bariko bakorerayo.

  • EMW YARIYARATEVY KURONKA IMIRIZO KWITANGA SEWIW NAMWONGER NIRINDI

  • Icombaza uyu muhungu wamuseveni,yoba ari mubatwaye umukobwa wa Bagaza?inyishu kubabizi!

  • NUKO ARUMWANA WIWE NIHO YABIGIZUKO KANDI NIVYIZA

  • NONEYOBA AFISE ABANA BANGAHE?ICONSABA AZE AGIRIRENAWE ABANABIWEKUKO VYOBA ARIVYIZA

  • afrika nico gituma itazopfa iteye imbere yarabozepe.

  • Ushaka kumenya uwatwaye umukobwa wa Ex-Président BAGAZA? Ni uwo mu Général mushasha nyene.

  • Uyu musore se navaho azicwa. Kuko Hima-Empire izarangirana na Museveni.

  • Aho ho bucitse ubwami bwa Uganda!!

  • EAC,harimwo aba president umengo ntibaharura,atari NKURUNZIZA wenyene abavuynmwo ntawundi. nkuyo mujeneral musha numuhungu wa museveni,museveni nawe akaba yivye umugore Bagaza,umuhungu wa Museveni acatwara umukobwa wa Bagaza,Bagaza arapfuye museveni nguyo arungitse umugore kuraba ko yashitseyo!rero ubwoba mfise ntazohava museveni ajaniranya n’Abarya bakobwa basigaye yoooo! nababonye ndatangara!ikindi naco kidutangaza ngo niwe arumuhuza mu burundi, Na bazungu barabura ivyo badendekeranya!!

  • Ikibi mu bantu niyo bashoje Intambara mu banyagihugu. Muribuka ivyo IDI AMINE yakoreye Abagande? Yarashibije igihugu, Bahabonye Umuseruka Rukamvye Pdt MUSEVENI, Yorora Inka muri ENKOLE iyo avuka agashora AMATA akayashora KAMPALA, akarima Ibitoke agahimiriza abanya Uganda bagakora. Developpement niyo ikenewe, nayo abatwara peu importe icangombwa nugukura ubukene n’ubujuju mu gihugu. Ntimubona ko n’abarundi bahora baja kuzana ibidandazwa muri Uganda, kuki? Ibintu biriyo, kandi haratekanye. Uburundi bwotekana, ntaciza nko kugira amahoro. Imyaka icumi BAGAZA yatwaye ntantambara yavuzwe mu BURUNDI, nicogituma nubu ivyo asize yakoze nivyo tugihumekerako. Kagame yahagaritse Genocide, tirara agashambara murabe développement iri mu RWANDA. Mushakiki kindi, la paix. La paix dans nos maisons, dans nos pays et dans le monde. Uyo Muhungu wa MUSEVENI niyaba ari capable de diriger comme son père, n’atere imbere nk’umuzinga, azoramutswe igihugu ca Uganda turonke amasoko aho duhahira, Pourquoi pas!!

  • Kumbe Museveni Yakabaye Yatwaye Igiswerure Cabagaza ? Hanyumango Yohanura Uwivye Ingoma Kandinawe Yivye Umugore Wabandi?

  • President Nkurunziza Naw Uzomere Nka Museveni Uwo Muhungu Waw Uz6mugire Coloneri

  • Kuba yamwongeye ipete ntaco bivuze ariko igikuru nuko yoba yayimwongeye ayikwiye. Turazi ko abakuru b’ibihugu vya Afrika bakunda guha amapete abana babo kugira bakomeze intwaro zabo ’agahotoro.

  • Na Nkurunziza azobikora, azoduza umuhungu wiwe gushika amusimbuye

  • Uwo museveni ntabugabo afise. Nico gituma afrika idashobora gutera imbere. N’arabe kadhafi.sadam hussein, mobutu... ukugene baheze.
    N’ayo ububegito bwiwe gutwara umugore uwamufashije kuja kubutegetsi. azovishura atashobora kwibohora.
    Abirabura ntaco tumaze kweri

  • Abarundi ni bahakure icigwa!!

  • Hanyuma ng turafis’abahuza,Kaguta yoweli nosaba k abarundi batomwitaba.honyene abatavuga ruwe nawe abanza kubugaranira mumazu yabo mukwitoza.mukurahira naho akabanza kubapfunga.hanyuma amapete nayo akayatanga nk’ama unite ya transfert.kuki atarikwongera uwo mugaba w’ingabo? hanyuma ngo mufis’abahuza?ntawuhora kungoma narindire umuti wiwe uri kuziko niwabira azowunywa.tweho umuhuza twemera ni Benjamin Mkapa. abemera Museveni nabo ni aba dictateur nkawe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.