IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umukuru w’igihugu ca Zambiya yaraye yitabiy’Imana mu Bwongereza

Umukuru w’igihugu ca Zambiya yaraye yitabiy’Imana mu Bwongereza

mercredi 29 Gitugutu 2014

Umukuru w’Igihugu ca Zambiya Michael Sata, w’imyaka 77 yaramaze amezi agwaye yaraye yitavy’Imana nk’uko vyatangajwe kur’uyu wa gatatu na Roland Msiska, umunyamabanga mukuru wa Reta.

" Ndi n’umubabaro ntangere wo kubamenyesha urupfu rw’umukuru w’igihugu cacu dukunda cane. " Ni mur’aya majambo Roland Msiska yavugiye kw’i radiyo amenyesha abanyagihugu urupfu rwa Perezida wabo.

Inkuru zo mugifuri zari zimaze iminsi zivugwa ko umukuru w’igihugu agwaye cane kandi aremvye. Yaramaze ukwezi kwose atagiye ahabona, kuva avuye mu nama ya ONU aho mbere ataronse amagara yo gushikiriza ijambo nk’uko abakuru b’ibihugu bose babigenza.

Ariko kuwa 19 Nyakanga yari yabwiye Inama Nshingamateka ati "sinapfuye", mbere ico gihe akaba yaciye yiyereka abanyagihugu.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.