IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umukuru w’igihugu Dos Santos azova ku butegetsi mu 2018

Umukuru w’igihugu Dos Santos azova ku butegetsi mu 2018

samedi 12 Ntwarante 2016, par Jean De Dieu

Umukuru w’igihugu ca Angola, Jose Eduardo Dos Santos, yamenyesheje ko afise umugambi wo kuva ku butegetsi mumwaka w’ 2018, inyuma yo gutwara ico gihugu imyaka yababa 40.

Yabimenyeshej mw’ijambo yashikirije muri komite nkuru y’umugambwe uri ku butegetsi wa MPLA, arongoye kuva mu 1979.
Mu mwaka w’2001, Dos Santos yavuze ko hari igihe atokwitoza kandi, ariko yagumye ku butegtsi.

Umuvigizi w’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi UNITA yamenyeshejeko ivyo Dos Santos yamenyesheje bazovyemera aruko yabishize mungiro.

Dos Santos ni umukuru w’igihugu agire kabiri muri Afrika amaze igihe kinini kubutegetsi, Angola n’igihugu kigira kabiri muri Africa kumwimbu w’ibitoro, ariko ubutunzi bw’ico gihugu bwaramanutse cane kubera igiciro c’ibitoro cagabanutse.
Ubu Angola iriko iraganira na Banke nkuru y’isi yose na FMI ngo ironke imfashanyo y’amahera.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.