IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Teodoro Obiang Nguema yagenye umuhungu wiwe mu mabanga y’icegera c’umukuru (...)

Teodoro Obiang Nguema yagenye umuhungu wiwe mu mabanga y’icegera c’umukuru w’igihugu

jeudi 23 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Teodoro Obiang Nguema, umukuru w’igihugu Guinea Equatorial, yagenye mu mabanga y’icegera c’umukuru w’igihugu umuhungu wiwe Teodorin Nguema Obiang.

Amakuru atangwa n’Imboneshakure y’igihugu ca Guinea yemeza ko ashingiye ku bubasha ahabwa n’amategeko agenga ico gihugu, Teodoro Obiang Nguema, umukuru w’igihugu wa Gunea Equatoriale yameje ko umuhungu wiwe Teodorin Nguema Obiang aba icegera c’umukuru w’igihugu.

JPEG - 58.5 ko
Umukuru w’igihugu Teodoro Obiang Nguema ( i bubamfu), ari kumwe n’umuhungu wiwe Teodorin Nguema Obiang ( i buryo)

Uwo yagenwe kuba icegera c’umukuru w’igihugu, Teodorin Nguema Obiang, afise imyaka 47, bikaba bivugwa ko ashobora no kuzosubirira se ku butegetsi.

Umukuru w’igihugu Teodoro Obiang Nguema amaze imyaka 37 ku butegetsi, akaba yongeye gutorwa kuyobora ico gihugu mu kwezi kwa Ndamukiza 2016, atsinze amatora ku majwi 93.7 kw’ijana.

Uwo muhungu wiwe agizwe icegera c’umukuru w’igihugu mu gihe Ubufaransa bwariko buramukurikirana, bumwagiriza ivyaha vy’urudandazwa rwa magendu.


IGIHE

Messages

  • nibazwire baba biligi ! babagamba bavyumvise! ntagutwenga! nukwiyemera!Afrika habone

  • Certains dirigeants africains commencent àcomprendre, notre continent a besoin de la stabilité pourvu qu’on travaille pour le bien de tous.
    ce système de démocratie occidentale ne fonctionne pas en Afrique dans la plus part des cas. L’homme occidental profite de l’instabilité pour désorganiser l’Afrique. Il faut s’en rendre compte: pourquoi quand l’homme blanc en arrivant en Afrique la première chose qu’il faite c’est l’abolition des royaumes? Tout simplement parce que les rois étaient garants de la stabilité.
    A bon entendeur salut

  • Umugabo,nuwo,ndamwemeye,peeee

  • Umugabo,nuwo,ndamwemeye,peeee

  • UYOMUPRESDEN ARIYEMERA AKORA NKIMBONERAKURE ABAOPOZA NIBAZWIRA UMUHUNGU NASE BAZOCE BAHONGORINJAVYI CANKE BAZOTUMEKO NKURUNZIZA ABEREKE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.