IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umukuru w’igihugu wa Sao Tome yahakanye kuja mu matora

Umukuru w’igihugu wa Sao Tome yahakanye kuja mu matora

lundi 8 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu ca Sao Tome na Principe, kimwe mu bihugu bito cane ku mugabane wa Afrika, yafashe ingingo yatangaje abatari bake. Yanse kuja mu matora agira kabiri yo muri ico gihugu.

Uwo mukuru w’igihugu amaze imyaka itanu ku butegetsi, Manuel Pinto da Costa, yavuze ko ayo matora adashobora kuba mu muco, aca asaba abamushigikiye kutayitaba. Amakuru ava muri ico gihugu avuga ko benshi mu bayoboke b’uwo mukuru w’igihugu batitavye ayo matora ya mbere.

JPEG - 58 ko
Umukuru w’igihugu Manuel Pinto da Costa amaze imyaka itanu ku butegetsi

Yasavye abamushigikiye kutaja muri ayo matora, inyuma yo kuronka amajwi ari musi y’ica kane c’amajwi yavuye mu matora ya mbere.

BBC ivuga ko uwo mukuru w’igihugu wa Sao Tome na Principe yaronse ibice 28,8 kw’ijana muri ayo matora ya mbere yabaye igenekerezo rya 17 Mukakaro, mu gihe uwo bahanganye, Evaristo Carvalho, yaronse amajwi agera ku bice 49,8 kw’ijana, muri ayo matora yaranzwemwo ubusuma bwinshi.

Uwo Evaristo Carvalho yari umukuru w’inama nshingamateka akongera akaba umushikiranganji wa mbere, bikaba biboneka ko ariwe azotahukana intsinzi.

Igihugu ca Sao Tome na Principe cakoronijwe na Portugal, kikaba kirimwo amazinga ya Sao Tome na Principe hamwe n’utundi tuzinga duto duto.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.