Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Umumenyeshamakuru yakorana na Al-Shabab yishwe
Yanditswe taliki ya 11-04-2016 - isaha 21:27' na IGIHE

Reta ya Somaliya yishe Hassan Hanafi Haji yahoze ari umumenyeshamakuru yagirijwe ko yafashije abarwanyi b’umurwi al-Shabab mu kwica abamenyeshamakuru batanu ku murwa mukuru Mogadisho.

Abategetsi hamwe n’ivyabona bavuga ko Hassan Hanafi Haji yarashwe kuri uwu wa mbere mu kibanza kirimwo ishure ry’igipolisi, ku murwa mukuru, Mogadisho.
Haji yarungitswe n’igihugu ca Kenya mu mwaka w’2015, bisabwe na Reta ya Somaliya, nk’uko bivugwa na VOA.

Abdulahi Hussein Mohamed, icegera c’umucamanza wa sentare ya gisirikare ya Somaliya, yahaye ikiganiro abamenyeshamkuru inyuma y’uko Hassan Hanafi yishwe, akaba yavuze ko yaciriwe urubanza mu buryo bukurikije amategeko.

JPEG - 27.7 ko
Hassan Hanafi Haji

Abdulahi Haji yaserukira umurwi waal-Shabab imbere y’abajejwe itangazamakuru. Yararemera bagenzi biwe kugira batangaza amakuru bisunze amategeko agenga itangazamakuru ry’uwo murwi.

Ayo mategeko arimwo kudatangaza amakuru yerekeye ugutsindwa kwabo ku rugamba.

Hassan Hanafi Haji yari azwi ko atera ubwoba abamenyeshamakuru n’amaradiyo mu gihe batubahirijwe amategeko y’umurwi al-Shabab. Yarakoreye kandi iradiyo y’umurwi al-Shabab, izwi kw’izina rya Radio Andalus.

Ivyiyumviro vyanyu

uwomuntu agambanira igihugu akwiye gupha

13.04.2016 à 12:54
Ntakirutimana Jean Bosco

NOMUBURUNDI AYOMARADIYO YIGENGA BARIBAKWIRI YEKUBAGIRA UKONYENE GAZA EREPEYA NABAMENYESHAMAKU RU BABO KUBAMBWA

12.04.2016 à 16:08
ROV

ntakundi k, yari umuhemutsi

12.04.2016 à 11:46
mukunzi

oyaa ahubwo ntibaziguhana abigira ngo nabamenyeshamakuru ukamenga nibigigwamana nkaba kiramvu,babobo,nabandi bakorana naba puciste ngaha muburundi ese bomera nkuyo !

12.04.2016 à 08:51
rwasa

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.