IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umuryango wa Thomas Sankala usaba ko uwabo yofubwa nk’intwari (...)

Umuryango wa Thomas Sankala usaba ko uwabo yofubwa nk’intwari y’igihugu

mercredi 27 Rusama 2015

Thomas Sankara yahoze ari umukuru w’igihugu ca Burkina Faso mu nyuma akagandagurwa atembagarijwe ubutegetsi, agiye kuzohambanwa iteka inyuma y’aho azuriwe.

Thomas Sankara yagandaguwe mu mwaka w’1987, iyuma y’aho Blaise Compaoré nawe yaciye afata ubutegetsi. Imbere y’uko ibisigarira vyiwe bizurwa, umushingwamanza w’umuryango wiwe wari wasavye ko Thomas Sankara yoca ahambwa nk’intwari y’ico gihugu. Umushingwamanza Bénéwendé Stanislas avuga ko Sankala atigeze ahambanwa iteka, none akaryo keza kageze, kugira aze yame yibukwa muri ico gihugu nk’intwari.

Inyuma y’izurwa ry’ibisigarira vya Sankala, abahinga b’abaganga batatu harimwo umwe wo mu gihugu c’Ubufaransa hamwe na 2 b’imvukira za Burkina Faso bariko barasuzuma neza ko ariwe basanze, ahambwe muri rimwe mw’itongo ry’abapfuye ryo ku murwa mukuru Ouagadougou.

Umushingwamanza w’umuryango wa Sankala asanzwe anarongoye umugambwe wa l’Union pour la renaissance, avuga ko barindiriye ibizovugwa na Reta y’imfatakibanza y’ico gihugu, ku bijanye n’ugushingurana iteka Thomas Sankara.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.