Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umuryango wa Thomas Sankala usaba ko uwabo yofubwa nk’intwari (...)
Umuryango wa Thomas Sankala usaba ko uwabo yofubwa nk’intwari y’igihugu
mercredi 27 Rusama 2015
Thomas Sankara yahoze ari umukuru w’igihugu ca Burkina Faso mu nyuma akagandagurwa atembagarijwe ubutegetsi, agiye kuzohambanwa iteka inyuma y’aho azuriwe.

Thomas Sankara yagandaguwe mu mwaka w’1987, iyuma y’aho Blaise Compaoré nawe yaciye afata ubutegetsi. Imbere y’uko ibisigarira vyiwe bizurwa, umushingwamanza w’umuryango wiwe wari wasavye ko Thomas Sankara yoca ahambwa nk’intwari y’ico gihugu. Umushingwamanza Bénéwendé Stanislas avuga ko Sankala atigeze ahambanwa iteka, none akaryo keza kageze, kugira aze yame yibukwa muri ico gihugu nk’intwari.

Inyuma y’izurwa ry’ibisigarira vya Sankala, abahinga b’abaganga batatu harimwo umwe wo mu gihugu c’Ubufaransa hamwe na 2 b’imvukira za Burkina Faso bariko barasuzuma neza ko ariwe basanze, ahambwe muri rimwe mw’itongo ry’abapfuye ryo ku murwa mukuru Ouagadougou.
Umushingwamanza w’umuryango wa Sankala asanzwe anarongoye umugambwe wa l’Union pour la renaissance, avuga ko barindiriye ibizovugwa na Reta y’imfatakibanza y’ico gihugu, ku bijanye n’ugushingurana iteka Thomas Sankara.
Aristide Nizigire
Messages
27 Rusama 2015, 17:05, par Tubirabe
Ahubwo Thomas Sankala ntaba icungu yaba burkinabe gusa ahubwo n,incungu yabany,Abanyafrika bose k,uko yarafise vision nziza kuri afrika.