Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umuyagankuba mu gihugu cose ca Kenya waciwe n’inkende amasaha ane (...)
Umuyagankuba mu gihugu cose ca Kenya waciwe n’inkende amasaha ane yose
mercredi 8 Ruheshi 2016, par
Inkende yakoroyeke kuri uwu wa kabiri ku cuma bita "Transforamteur" kiri hafi y’urugomero rwa Gitaru, nk’uko bimenyeshwa n’ishirahamwe rijejwe umuyagankuba muri Kenya KenGen, ivyatumye umuyagankuba w’igihugu cose ca Kenya ucika.
Ico cuma caciye gikoroka, gituma hatakara umuyagankuba ungana na megawatts 180, hamwe n’umuyagankuba wo mu gihugu hose waciye ucika.
Ishirahamwe KenGen rijejwe umuyagankuba muri Kenya rimenyesha ko uwo muyagankuba wongeye kugarurwa inyuma y’amasaha ane yose, nayo iyo nkende ikaba ataco yabaye.
Ivyuma vy’umuyagankuba vy’ishirahamwe KenGen vyari bisanzwe bikingiye n’uruzitiro rw’intsinga zirimwo umuyagankuba, kugira babirinde ibikoko bishobora kuja kwonona.
Ishirahamwe KenGen ryasavye imbabazi ku vyaraye bibaye, ryiyemeza ko rigiye kuzokingira gushasha ivyuma vyaryo.
Ikinyamakuru co kuri internet gitangaza ibijanye n’urudandazwa ’Business Daily Africa’, kimenyesha ko abenshi mu badandaza bahahombeye, abishoboye bakaba bakoresheje imashini za peterori kugira ibikorwa vyabo ntibihagarare.
IGIHE
Messages
8 Ruheshi 2016, 16:45, par habarugira
ntakundi nibihangane
8 Ruheshi 2016, 19:16, par Emmanuel
None.Inkende.Irahambaye.Aho.Igihugucosekibura.Umuyagankuba
9 Ruheshi 2016, 14:52, par angelique
emwe tuze turubaha ivyobikokoko birashushe p