Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
UNICEF : Abana nibo bakoreshwa cane mu bitero vy’ubwiyahuzi vya Boko Haram
Yanditswe taliki ya 13-04-2016 - isaha 09:12' na IGIHE

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana, UNICEF, rimenyesha ko ikoreshwa ry’abana mu bitero vya Boko Haram nk’abiyahuzi, vyaragwiriye cane kuva mu mwaka uheze, aho umwe kuri batanu mu bakora ivyo bitero usanga ari abana.

Abana b’abakobwa, usanga bahawe ibiyovyabwenge, bagize ibice 3 kuri 4 vy’abakora ibitero vya Boko Haram muri Cameroun, Nigeria na Tchad.
Ivyo bitigiri vyirwije incuro 11, ugereranije no mu mwaka wa 2014, aho abana bane aribo batumwe muri ivyo bitero, ariko mu mwaka uheze kugeza mukwa mbere kw’uwu mwaka w’2016, bageze kuri 44.

BBC dukesha iyi nkuru imenyesha ko ukwo guhindura umukenyuro kw’umurwi wa Boko Haram gushobora kuba kwatumwe no gutakaza ibirindiro muri Nigeria.

Intambara za Boko Haram zimaze imyaka indwi, zagize ingaruka nini cane cane mu buseruko bushira uburaruko bw’igihugu, no mu bihugu bibanyi nka Tchad, zikaba zahitanye abantu 17000.

Ishirahamwe mpuzamakungu UNICEF rivuga ko abana bagera kuri miriyoni 1,3 bakuwe mu ngo zabo mu bihugu vya Cameroun, Tchad, Nigeria hamwe na Niger.

Haraheze imyaka 2 abana b’abakobwa banyurujwe na Boko Haram, bakuwe mu buraro kw’ishure rya Chibok muri Nigeria.
Haciye hatangura isekeza bise ’Bring Back Our Girls’, ariko akaba ata n’umwe araboneka.

Boko Haram yatanguye gute ?

Boko Haram yashinzwe mu mwaka w’2002, itangura ivuga ko irwanya inyigisho z’abanya Bulaya. Ijambo Boko Haram ni ukuvuga : inyigisho nk’iz’abanya Bulaya zirabujijwe, aho akaba ari mu rurimi rw’igi Hausa rukoreshwa muri Nigeria. Uwo murwi watatanguje intambara mu mwaka w’2009.

Abantu bagera ku bihumbi barishwe, ahanini mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, abandi bagera ku majana bafatwa mpiri, harimwo abakobwa 200 bo mw’ishure rya Chibok.
Bahavuye bahamvya umurwi Islamic State, biyita ’intara ya Islamic State yo mu burengero bwa Afrika’

Bafashe igice kinini c’Ubuseruko bushira uburaruko bwa Nigeria bise ’caliphate’ canke ubutaka bw’Abayislamu, ariko gushika ubu igice kinini Boko Haram yari yarifatiye kikaba caragarujwe n’ingabo za Reta ya Nigeria.

Ivyiyumviro vyanyu

Mana Garukira Isi N’abayibako , None Utwotwana Twawe Turiko Tuzira Iki ? Izontagondwa Nazo Nizikebuke Kuko Atari Satani Azoziha Impera Ntawundi

13.04.2016 à 19:04
Munezero 444

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.