Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Urubanza rwa Mohamed Morsi ruracika mu ndwi zitatu
Urubanza rwa Mohamed Morsi ruracika mu ndwi zitatu
vendredi 3 Nzero 2014
Yagirizwa kuba yarashatse gutoroka ibohero mu mwaka wa 2011, Mohamed Morsi azocirwa urubanza kuwa 28 Nzero umwaka w’2014, ari kumwe n’abandi 130 bagirizwa icaha kimwe, aho akaba ari bamwe bo mu muhari Hamas, hamwe n’umuhari Hezbollah w’abanyalibani.
Umukuru w’igihugu wa mbere yatowe n’abanyagihugu mu kwezi kwa Ruheshi 2012, Mohamed Morsi yaciye atembagarizwa ubutegetsi n’igisirikare ca Reta, umwaka umwe gusa atwaye. Havuye ibitero vyagiye bikorwa mu mabohero guhera mu mwaka w’2011, azocirirwa urubanza yagirizwa kuba ariwe yagomoreye ko ingabo ngo zice abariko bagira imyiyerekano igihe yari ari ku butegetsi.
- Mohamed Morsi
Hagati mu kwezi kwa Kigarama, sentare yari yavuze ko abantu 132 bariko barakurikiranwa nabo kuba barafadikanije n’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Misiri Morsi, muri abo 70 ni abo mu muhari Hamas, abandi nabo mu muhari Hezbollah, aho mbere bazocirirwa urubanza atariho bari.
Ubucamanza bwamenyesheje ko abayoboke ba Morsi baherutse mbere kwitwa imirwi y’iterabwoba n’abategetsi bo ngaho mu Misiri bavuga ko bateye amabohero hamwe n’ibirindiro vy’abapolisi mu minsi ya mbere batanguye imigumuko yo kwiyamiriza umukuru w’igihugu Hosni Moubarak. Muri iyo migumuko bakaba bishe abapolisi mbere baca bafasha imbohe zitari zike gutoroka.
Mohamed Morsi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yamenyesheje yisigura ko abarinzi b’iryo bohero bari bahunze gutyo rero bituma izo mbohe zironka ingene zitoroka bivanye n’akajagari kari gahari.
Floxella Karire