Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Urugendo rwa Papa Fransisko arusozerera muri Centrafrique
Urugendo rwa Papa Fransisko arusozerera muri Centrafrique
lundi 30 Munyonyo 2015, par
Papa Francis umwungere wa Ekereziya Gaturika asozerera muri Centrafrique urugendo yari amazemwo iminsi muri Afrika. Biteganyijwe ko ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere ariho asubira i Vatikano.

Igihugu ca Centrafrique kimaze hafi imyaka itatu mu ntureka hagati y’abakirisu hamwe n’abayisilamu. Amakuru atangwa na BBC avuga ko umukuru w’igihugu ca Centrafrique, Catherine Samba-Panza, yasavye ikigongwe Papa Francis kubera izo ndyane zishingiye ku madini ziri muri ico gihugu.
Imbere y’ugusozera urugendo rwiwe, umwungere wa Ekereziya Gaturika Papa Francis, ahava agendera umusigiti uri mu gisagara ca Bangui.
IGIHE
Messages
30 Munyonyo 2015, 13:10, par Anice@
rwagwiyunge rwamadini ruratanguye nabasilamu agomba abahuze reka turabe