Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Urugendo rwa Papa Fransisko rwatanguriye muri Kenya
Yanditswe taliki ya 26-11-2015 - isaha 07:46' na IGIHE

Umwungere wa Ekereziya Gaturika Papa Fransisko yaraye muri Afrika ku ncuro ya mbere, akaba yashitse mu gihugu ca Kenya ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu.

Urugendo ajemwo yarutanguriye mu gihugu ca Kenya, mu gisagara ca Nairobi, mu nyuma aje mu gihugu ca Ouganda, ahereze urugendo muri Centrafrique ku munsi wa mbere.

Muri urwo rugendo rw’iminsi itandatu rwa Papa Fransisko, bitegekanijwe ko azoshikiriza ijambo incuro cumi n’icenda, aho azoshimikira ku kwigisha amahoro, ukuvugana neza hagati y’abadasangiye amadini, hamwe n’ukurwanya ugukumirana.

Mu gihugu ca Kenya aho yaraye, azobonana n’abategetsi b’ico gihugu hamwe n’abaserukira amadini atandukanye, akazosomera imisa kuri Kaminuza y’i Nairobi, mu nyuma agendere ikigo ca ONU kiri muri ico gisagara nyene ca Nairobi.

Kuri uwu wa gatanu, azogendera karitiye y’abakene, mu nyuma abonane n’urwaruka, hose akazotanga inyigisho z’ukubana neza hagati y’abasangiye amadini.

Ivyiyumviro vyanyu

Uyo si intumwa y’Imana, ni intumwa ya Satani, ibimuranga ni vyinshi. Ah’intebe yiwe iri ni ku mugwa wa Satani ; Petero na Paulo biciwe aho Satani aba, ni ho papa akorera (Vatikani= Ivyahishuriwe2:13), Petero we bahejeje kumwica baca bamwubakako ishengero Basilique ryamwitiriwe. Akwiye kwihana nayo ahandi ho umuriro w’Imana uzomubabura !

29.11.2015 à 08:48
Catholique réformé

Intumwa yImana ni yijandajandire.. Ubu juju ni bubi, ubona abo bavuga ivyo bapompwemw ’n ibitazi batazi ko ishengero Yezu yashinze yariragij abatumwa hamwe ’n, abazobasubiirira batiwe nabo(soma Mat 16, 15-19). N’ udushengero tuvutse hirya y’ejo ngo dutyoze uwatuvyaye ngo dufise ukuri twigisha ? Niko mu musi yanyuma abahanuz bibinyoma bazaduka.Umukama abaharire ubujuju bwabo. ese yoza niwacu

28.11.2015 à 20:22
Habane

Ikimuzanye Tuzokibona.

28.11.2015 à 14:55
Gapfizi

Amahoro y’imana abe iwanyu nuko abavugako papa frasisik nabi bazirikane matayo 28.18.20 nuko uryayaratowe ekleziya izoguma arumuryango ukwiyekuko ntuhagazekubwayo uhagazekubwa yezu weyitanze kugira jewenkire nawewe ukire nukorero twemere abakurubazotumadusika ku mana babwire bemereko bashinzwekobokuranibicumuro kwizinary’imana yohani 20.19.23 nukurinibemere kukontantamazitagirumutware kuko yigisha amahoro y’imana ntabwoyi gisha intambara ahubwo ese yoza iwac’iburundi yezu yaramuraze ekleziya yohani 21.15.25 ok bemere ko ariweyaragijwe intama zakristu yezu imana ibahezagire kandi ibazigame kubantu bos batahuy nimuzirikane ahomuhawe mwemere ok by " by’.

27.11.2015 à 21:41
Nicimpaye eric

Mbekomuvungon’umusore mumutyoza ! nayesu nayesuntamugore yarafise kanatsinda uhisemwokurongora bibavyakunaniyekwihangana nt’ubukwiyekuj’imbereyishengero ng’urikwigisha oya napahuro yavuz’ati uwovyokundirayobireka akiberaho ukonyene.

27.11.2015 à 12:50
Giheta

uyomusore.ayererakwis’aronderiki ? kotuzikumukuruwishengero abafisumugoreTIMOTE23:1-7 gwazotangivyigwavyamahoro ? nawentamahorafise,kukagenda acuzwenabasodantamuntagenda cuzw’abafisamahorontayagir’araba besha,EZEKIYERI7:25-27agumazimiz anicoyashiriweho,YOBU1:6-7yayobejamahanganinyigishozibinyoma ivyahishu18:3amadiniyosafis’amasit yosarimugwiyungerumwekuko na,basabato,bagiyemwo,ushakubi nyaca,www.wcc~coe.org. kandivyamabiberamukenya,abima nabazobitahurikimugenza daniyeri11:8-112abatesaronik 2:3-4abantunimuhunginyishozi binyomavyiwe,mwifanyenishengero ry’IMANA,murakoze,imigani,29:12

27.11.2015 à 05:03
wakizuka

imana iramubona ivyakorayinegej izobishirahagaragara nbabazwa nabamwirukinyuma ngonicariho ca yesu uwagenewe gufatwanpiri azofatwa npiri

27.11.2015 à 00:08
christian

com aje aho mwoca mumumesa doreko nta mitima mukigira mwabaye nabi cane ntiyoza nukuri.

26.11.2015 à 23:24
.fr

uyo mugabo yigererany n’imana ivyo turabiz kuko yivanga muvy’imana nivyapolitique mbega aho kucicaro ca onu aroba agiy kurabayo ibiki kand yiyita ngo ni umukoz w’imana murabe ntasohoz ubuhanuz bwa daniel n’ivyah.kuko bivuga we gusa rero abo baserukir amadini abab8ra ibiki ?mugabe agomb atangaz dimanche natwe abaorthoxe ntitugez gusenga dimanch isabato y’imana izokwama y’ubahwa komera muri yesu abashira imber ivyandits !!

26.11.2015 à 19:01
anicet kamwenubusa

uyomusoreyayobejamahangayose atemberamyisaronderiki ?YOBU1:6-8 gwazongivyigavyamahoro !!! haaa !wewenyenentamahorafise ! kukumuntuwesagendanabasoda bamucungantamahorabafise,nawuwo musore,abarikumwenamasinzi ntamahorobafise,ezekiyeri7:25-27 ajegukoranyamadiyayobejeyose mbebashanabakurubaba,sabato, bazobabari ?yavuzamadiniyose amahangayanyoye,ivyahishuwuriw 18:3-ajegukorigishushanyo

26.11.2015 à 17:58
wakizuka

ha !nageze kwigisha ariko kwisi ntamahoro tuzopfa tubonye kuburyo tureka kwikangabicanyi umuremyi wisi nijuru ataje.kuko ibisesema uhoraho vyarabaye urushana

26.11.2015 à 17:36
leopord

ndaye pole abanye kenya kuko uyomugabo aho atembereye haduka intambara.haaaaaa !muzoza mumbarira !!!!!!!!!

26.11.2015 à 15:09
bagorikunda

Nonekohariho Amadini Meshi Agombakuzana Bimwevyogusengakumusi Umwe Narekekuduhenda Bamurabeneza Ntihadukintambara Mugihugucakenya

26.11.2015 à 14:57
NDIMURUKUNDO JAMARI

Yabuze Guhera I Burundi Ho Hari Ibibazo Vy Umubano Maze Agahumuriza Imitima Y Abarundi !

26.11.2015 à 10:20
Joseph Desire

Uyo aje kubawira ko imana yamutumye guhindura amategeko cumi y’imana yahawe Mose nukongezako irindi akwire cumi narimwe sivyo yaherukira kuvuga muri amarica ? Mumurabe neza uyo muntu avugako Adam na Eva batigeze babaho ? Ngo ntakuzimu kubaho ? Rindira muzoba mwumva amajambo yiwe.

26.11.2015 à 09:47
Scott

Papa Kari Nomujumbura Turakunyotewe Caaaaaane

26.11.2015 à 09:32
.com

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.