IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Tchad yahanishijwe ugupfungwa ubuzima bwiwe (...)

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Tchad yahanishijwe ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose

lundi 30 Rusama 2016, par egide

Sentare idasanzwe yashashe i Dakar mu gisagara ca Senegal yaciriye Hissène Habré yahoze ari umukuru w’igihugu ca Tchad igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose, inyuma y’imyaka 26 yari amaze avuye ku butegetsi. Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu yagirijwe ivyaha bikorerwa kiremwa muntu hamwe n’ugufata ku nguvu abagore.

Muri urwo rubanza rwasomwe mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, Hissène Habré yagirijwe ko yagize uruhara ubwiwe muri ivyo vyaha vyabaye igihe yari akiri ku butegetsi.

JPEG - 52.2 ko
Hissène Habré yahoze ari umukuru w’igihugu ca Tchad yaciriwe igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose

Muri urwo rubanza rwari rumaze amezi hafi umunani, humvirijwe kandi intahe y’umugore azwi kw’izina rya Khadija Hassan Zidane, avuga ko yasambanijwe ku nguvu na Hissène Habré ubwiwe, mu gihe yari yafashwe n’inzego z’umutekano agapfungwa.

Gberdao Gustave Kam umukuru w’abacamanza bari bashashe muri urwo rubanza yamenyesheje ko Hissènne Habré yatanga amategeko yo gupfunga, kurekura mu nyuma bakica abanyororo baba bafashwe bagashirwa mu busho butandukanye.

Uwo mucamanza yasiguye ingene Hissène Habré yagira uruhara mu kuboreza igufa abanyagihugu yatwara, rimwe na rimwe akavyikorera wenyene ubwiwe, canke agatanga itegeko abo yakoresha bakabikora.

Sentare yasiguye ko uwo yahoze ari umukuru w’igihugu yakomeje ubutegetsi bushingiye kw’iterabwoba hamwe n’umugenzo wo kudahana ivyaha, aho mbere vyinshi mu vyaha yagirizwa vyakorwa n’umurwi w’abantu yakoresha, bakamukorera ivyo ashaka. Uwo murwi uzwi kw’izina rya Documentation and Security Directorate (DDS). Sentare yagirije uwo murwi DDS ko wafunga abantu mu bibanza bitazwi, bagafatwa nabi, bakaborezwa igufa, abandi bagafatwa ku nguvu.

Abakorewe ivyaha bari bitavye muri sentare kuri uwu wa mbere igihe yasomerwa ico gihano mu gisagara ca Dakar mu gihugu ca Senegal, bakaba berekanye umunezero umucamanza ahejeje kumwagiriza ivyo vyaha.

Hissène Habré yagirijwe gutanga amategeko yo kwica abantu barenga ibihumbi mirongo ine (40.000) igihe yari ku butegetsi, ariko uwo yigeze kuramutswa igihugu ca Tchad akaba yamiriye kure ivyo yagirijwe. Inyuma y’ugusomerwa urwo rubanza, Hissène Habré yabwiwe ko afise iminsi cumi n’itanu y’ukwunguruza.

Hissène Habré yari yafatiwe mu gihugu ca Senegal, akaba ariwe mukuru w’igihugu wa mbere wo mbere wo muri Afrika aciriwe urubanza na sentare yo muri Afrika.


IGIHE

Messages

  • Ego Basi Iyo Mfura Mubibi Yagezwehe Naho Vyari Vyatevye,hariho Ubuheta Nawe Twizeye Ko Azoshikirwa Nuwigeze Gutwara Uburundi Nkurumbi Kibuye,numvise Yose Kwibere Rimwe Nuyo President Wa Tchad.Niherezo Rizoba Rimwe,araturuhije Ariko Nawe Azoruha.

  • Iyosentare jewe noyisabako utoza irarinda kurindira ngwabo bicanyi barinde kuva kubutegetsi barinze kumara beshi ahubwo nibaze barabata mumvuto nigoga none nkuwo bararumuciriye mugabo hariho abandi baperezida nubu bagitema batongora agahomerabunwa nuwahoze arongoye uburundi nkurunziza nubu atarunamura icumu turasaba iyosentare kumucakira bidatevye kuko agiye kutumarako abacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.