Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uwahoze ari umutambukanyi wa Mandela yagiye kumusuhuza
Uwahoze ari umutambukanyi wa Mandela yagiye kumusuhuza
mardi 11 Ruheshi 2013
Nelson Mandela kuri uyu munsi ugira kane ari mu bitaro, kandi bivurwa ko amagara yiwe atameze neza, abatari bake babandanya ku guma bamusabira ngo Imana imukize. Aha twovuga nka Musenyeri Desmond Tutu n’abandi.

Ariko n’ubu bivurwa ko atakirahinduka kuri Mandela kuva aho afatiwe n’indwara yo mu mahaha agaca ajanwa mu bitaro vy’i Pretoria. Nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi wo mu biro vy’umukuru w’ico gihugu, amenyesha ko n’ubu uwahoze ari umukuru w’igihugu cabo akirwaye, ariko bizeye ko azotora mitende.
Nta muntu uwariwe wese arekuriwe kuja gusuhuza Nelson Mandela, ndetse n’abo mu muryango iwe. Ejo ariko, uwahoze ari umukenyezi wiwe, umupfasoni Winnie Mandela yaraje kumusuhuza mu masaha y’umuhingamo.

Eka n’umukuru w’igihugu Jacob Zuma aritezwe kuja gusuhuza Mandela, ariko agasaba umurwi uriko urakurikirana amagara y’umurwayi gukora ibishoboka.
Twobibutsa ko Nelson Mandela ubu ari ku myaka 94 y’amavuka, hakaba hasigaye ukwezi kumwe gusa ngo akwize imyaka 95.

Muri iyi minsi rero abakunzi biwe baguma batwara ku rugo iwe inyandiko z’ukumwipfuriza kugira mitende, abandi n’abo bagatwara ubwoko butandukanye bw’amashurwe meza ku muhana iwe uri i Johannesburg.
Muri iki gihe rero Nelson Mandela amagara yiwe atameze neza, Musenyeri Desmond Tutu yanditse ubutumwa aho avuga ati :« Mu gihe umuvyeyi w’igihugu cacu Nelson Mandela arwariye mu bitaro, turiko turamusabira ku gire aroranirwe kandi atore mitende. Turashimiye Imana Rugira vyose yo yaremye ijuru n’isi, ikaba ariyo yamuduhaye nk’igabire idasanzwe ku gihugu cacu, kandi twipfurije inkomezi umuryango wiwe.»
Aristide Nizigire