Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Urwaruka ruva mu bihugu vy’Afrika n’Ubushinwa rwahuriye muri Tanzaniya
Urwaruka ruva mu bihugu vy’Afrika n’Ubushinwa rwahuriye muri Tanzaniya
lundi 30 Ntwarante 2015
Mu gihugu ca Tanzaniya hariko harabera ibikorwa vy’inama igira gatatu y’urwaruka ruva mu bihugu vy’Afrika n’Ubushinwa.

Iyo nama yatanguye kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 28 Ntwarante uwu mwaka, ikaba iriko ihuza urwaruka rugera ku majana ane rwavuye mu mihingo myinshi y’Afrika. Intumbero y’iryo huriro, akaba ari gukomeza imigenderanire n’ugufashanya hagati y’igihugu c’Ubushinwa n’Afrika. Mw’ijambo ryo kwugurura ibikorwa vy’iryo huriro, Wang Jiarui icegera c’umuhuzabikorwa w’iryo huriro ava mu gihugu c’Ubushinwa, akaba yarashimye rwose imigenderanire myiza n’ugufashanya iri hagati y’Ubushinwa n’ibihugu vy’Afrika.
Uwo asanzwe ari n’umunywanyi akomeye w’umugambwe PCC (Parti communiste chinois) akaba yavuze ko Ubushinwa bugiye kuzotumira urwaruka ruri mu migambwe itandukanye yo muri Afrika rugera ku 1000, aho ruzohabwa inyigisho muri iy myaka itatu iri imbere. Yaba umukuru w’igihugu ca Tanzaniya canke Robert Mugabe umukuru w’igihugu ca Zimbabwe asanzwe ari nawe arongoye ibihugu biri mu muryango w’ubumwe bw’Afrika ari ngaho muri Tanzaniya, bavuga ko ugufashanya kw’Afrika n’Ubushinwa ari ivyo kuva kera.

Mugabe akabandanya avuga ko iyo ,migenderamire izoguma ikomezwa no mu myaka iza. Mugabe kandi akaba yashimiye Ubushinwa mu ntererano z’uguteza imbere Afrika zikorwa.
Aristide Nizigire