Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Yoweri Museveni yatsindiye ikiringo ca gatanu
Yanditswe taliki ya 21-02-2016 - isaha 11:20' na IGIHE

Umurwi ujewe gutegura amatora mu gihugu ca Uganda wamenyesheje icese ko Kaguta Yoweri Museveni ariwe yatsinze mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka kuba muri Uganda.

Mu biharuro vyatanzwe n’uwo murwi utegura amatora, Yoweri Museveni aza imbere, ku majwi angana na 61 kw’ijana, agakurikirwa na Kizza Besigye wo mu mugambwe utavuga rumwe n’uwa Kaguta Yoweri Museveni, akaba nawe yaronse amajwi agera kuri 35 kw’ijana, nk’uko vyashikirijwe n’umurwi utegura amatora.

JPEG - 103.3 ko
Kaguta Yoweri Museveni yatsindiye ikibanza c’umukuru w’igihugu

Kaguta Yoweri Museveni w’imyaka 72, ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’1986, yahora ariwe arongoye igihugu ca Uganda, akaba agiye gusubira kuramutswa ico gihugu mu kiringo ca gatanu.

Tubamenyeshe ko abarorerezi mpuzamakungu barimwo n’intumwa z’ibihugu vyo ku mugabane wa Buraya, bamenyesheje ko ayo matora yo muri Uganda yaranzwe n’itangazamakuru ribangamiwe kandi rihengamye, hamwe n’ugutera ubwoba.

Ivyiyumviro vyanyu

Nubwo aba petezida baribda, single baza ko yoweli yokwubahuka kuja kwitwa umuhuza. Niba azobandanya nzokora ibindi ariko kuba president nukubanza kurya umutima ibijigo

22.02.2016 à 04:59
Frank

Bwabundi Ni Agakengere ! Umuntu Atwaye Imyaka 3o ! Ndasavye Peter Ashireho Itegeko Rimwemerera Kuguma Kubutegetsi Amanyama Ahere Maze Nawe Azotware Imyaka Irenga 3o. Nzangoma Na Bagenz Biwe Amanyama Yaraheze Azoba Yarashaje Yooo !

21.02.2016 à 21:13
Kagabo

Mutama Peter Ni Witwarire Mbona Nabandi Bageze Ku Kiringo Ca Gatanu. Ko Baraba Wewe Gusa ? Nimba Hari Ibiringo Ni Bibe Kimwe Hose Apana Mu Burundi Gusa ! Jeho Imana Ikimpaye No Gitwara Ubuzima Bwose Nopfirako.

21.02.2016 à 17:03
Kagabo

nimwihwezeneza,ivyabayemuburundinivyobigiyekubamubuganda.hama,ng’azob’umuhuza.hagiyekub’uguhohoterwakubanyeporitikebatavugarumwe.oNu.irabahafi.agiyeguhindura.amategekokugiratware.ihezo

21.02.2016 à 14:12
djuma

none uwo azoza guhuza abapfa ikiringo ca3 ngaha ? ahubwo azogira ico aterereye bishitse Ku kiringo ci7.

21.02.2016 à 13:38
claude

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.