IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zambia : Edgar Lungu ari ku butegetsi niwe yasubiriye gutorwa

Zambia : Edgar Lungu ari ku butegetsi niwe yasubiriye gutorwa

mardi 16 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu asanzwe ariwe yari ku butegetsi muri Zambia, ariwe Edgar Lungu, yatorewe kubandanya ayobora ico gihugu, mu gihe abatavuga rumwe na Reta yiwe bavuga ko amatora yaranzwe n’ubusuma kandi ko atabereye ku mugaragaro.

Umurwi ujejwe gutegura amatora watangaje ko umukuru w’igihugu Edgar Lungu yatahukanye amajwi arenga gato ibice 50 kw’ijana, gutyo atsinda uwukomeye mubo bariko barahiganwa, ariwe Hakainde Hichilema, yatahukanye amajwi agera kuri hafi ibice 48 kw’ijana.

JPEG - 113.7 ko
Edgar Lungu yatorewe kubandanya ayobora igihugu ca Zambia

Umuvugizi w’abatavuga rumwe na Reta ya Zambia yagirije umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora, ko wahengamiye ku mukuru w’igihugu Edgar Lungu. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko bagiye kwitura sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Ku ruhande rw’abarorerezi nmpuzamakungu bakurikiranye ayo matora, bamenyesheje ko muri rusangi amatora yagenze neza, ariko ko ibitangazamakuru vya Zambia vyahengamiye ku mugambwe uri ku butegetsi muri Zambia.


IGIHE

Messages

  • iyongere istinjimutama

  • Kimwe co umwanya umwe uravye wovuga ko yoba yarivye ariko ugereranije kuraba igihugu cose na cane cane lusaka vyaboneka ko PF ariwo uri kubutegetsi baboneka abandi nabo ntibaboneka bakavugako batinya abo twokwitwa kwari Imbonerakure ubwo rero aho batangarije uwatsinze tukaraba ukuntu igihugu cose abanya gihugu bisutse mumabarabara bishimira ugutorwa kwa Edgar Lungu vyabonetse ko abanyagihugu bakiwufashe mumugongo uwo mugambwe wa Nyakwigendera Micheal Sata.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.