Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Ifyeri rya Mugabe riri mu bituma ubukene buguma bwugarije (...)
Zimbabwe : Ifyeri rya Mugabe riri mu bituma ubukene buguma bwugarije umunyagihugu
mercredi 4 Ruheshi 2014
Kubera ubukene bwugarije igihugu ciwe, Robert Mugabe arongoye igihugu ca Zimbabwe yemeye kugabanura umushahara wiw, ku va ku madalare y’Amerika ibihumbi bine n’ukuvuga amanyaburaya 2800, akaja mu nsi yayo.

Robert Mugabe ari ku butegetsi ku va mu mwaka w’1980, ubu akaba afise imyaka y’amavuko 90. Ariko naho yagabanije umushahara wiwe, bikavugwa ko ari umutama w’umunyefyeri. Akarorero, Mugabe aherutse kwubaka inzu y’ukuruhukiramwo inyuma gato y’igisagara Halare, aho iyo nyubakwa gusa yatwaye amadolare y’Amerika arenga ibihumbi 10 ni ukuvuga amafaranga arenga imiriyaridi 15 z’amarundi. Mu bugeni bw’umukobwa wiwe naho, yari yatumiye abantu bagera ku bihumbi 4, umukwe wiwe hamwe n’umukobwa wiwe, akaba yabagabiye amadolare y’Amerika ibihumbi ijana.
Uyo munezero w’umukuru w’igihugu ca Zimbabwe, abanyagihugu n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike bakabona ko ari ukwigungirako n’ukwikunda bikabije, mu gihe umunyagihugu we ashonje, kandi igihugu ku va mu mwaka w’2000 kikaba atako cifashe mu vyubutunzi.

Aristide Nizigire
Messages
4 Ruheshi 2014, 18:54, par Rosa kamakazi
UBU PRESIDENT BURASARISHA.
5 Ruheshi 2014, 10:28, par Tubirabe
Ni Bamureke Uwo niwe mutama dusigaranye muri africa.ubukene nabwo babutewe nabazungu banka imvugagukuri z,afrika.
8 Ruheshi 2014, 05:40, par Mugabe
Nibazako ayo mahera mwanditse atariyo kuko 10000$ ntangana na 15 milliards!
Amahera nayo ni ivy isi mureke aceko kuko ntasigaje igihe kinini!Azihamba kweli!