Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Umusi w’amatora wasubiye kwigizwa inyuma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Umusi w’amatora wasubiye kwigizwa inyuma

Zimbabwe : Umusi w’amatora wasubiye kwigizwa inyuma

jeudi 20 Ruheshi 2013

Inyuma y’ingingo yari yafashe yo kwigiza inyuma ikiringo c’amatora yo mu gihugu ca Zimbabwe akagishira ku genekerezo rya 31 Mukakaro 2013, umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe yasubiriye guhindura isango y’amatora ayishira kuwa 14 Myandagaro 2013.

Robert Mugabe akaba yabimenyesheje inyuma y’inama ya SADC idasanzwe yaherukamwo, abisabwe n’abahurikiye muri SADC. Kuba yari yashinze igenekerezo rya 31 Mukakaro 2013 nk’umusi w’amatora vyazanye ukutumvikana mu bahurikiye mu migambwe itavuga rumwe na Leta, bamenyesha ko integuro y’amatora yigenga kandi abereye ku mugaragaro itazoba irahera.

Mukamenya ko abadasangiye ivyiyumviro n’ubutegetsi haheze imyaka ine gusa banjiye muri Leta, inyuma y’amasezerano yahejeje intureka yateweko umukono mu mwaka w’2008.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.