Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Umusi w’amatora wasubiye kwigizwa inyuma
Zimbabwe : Umusi w’amatora wasubiye kwigizwa inyuma
jeudi 20 Ruheshi 2013
Inyuma y’ingingo yari yafashe yo kwigiza inyuma ikiringo c’amatora yo mu gihugu ca Zimbabwe akagishira ku genekerezo rya 31 Mukakaro 2013, umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe yasubiriye guhindura isango y’amatora ayishira kuwa 14 Myandagaro 2013.
Robert Mugabe akaba yabimenyesheje inyuma y’inama ya SADC idasanzwe yaherukamwo, abisabwe n’abahurikiye muri SADC. Kuba yari yashinze igenekerezo rya 31 Mukakaro 2013 nk’umusi w’amatora vyazanye ukutumvikana mu bahurikiye mu migambwe itavuga rumwe na Leta, bamenyesha ko integuro y’amatora yigenga kandi abereye ku mugaragaro itazoba irahera.
Mukamenya ko abadasangiye ivyiyumviro n’ubutegetsi haheze imyaka ine gusa banjiye muri Leta, inyuma y’amasezerano yahejeje intureka yateweko umukono mu mwaka w’2008.
Egide Nduwimana