Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Utunenge twaranze amatora twaroye ahabona
Zimbabwe : Utunenge twaranze amatora twaroye ahabona
vendredi 9 Myandagaro 2013
Mu bitigiri vyashikirijwe n’umurwi wigenga ujejwe gutunganya amatora mu gihugu ca Zimbabwe, abantu barenga 305.000 nibo batoroherejwe gutora mu gihe c’amatora aheruka yabaye kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro uyu mwaka, amatora yatsinzwe na Robert Mugabe w’imyaka hafi 90 y’amavuko.
Umurwa mukuru Harare niwo hatoye abantu benshi, hagakurikira intara za Mashonaland na Manicaland y’Ubuseruko, mu gihe ku bantu imiriyoni zitandatu n’ibice bine bategerezwa gutora, abantu bangana imiriyoni zitatu n’igice aribo bonyene bashoboye kwitabira amatora y’umukuru w’igihugu nk’uko bishikirizwa n’umurwi ujejwe amatora.
Nk’uko uyo murwi ubandanya ubishikiriza, abantu bamwe ntibashoboye gutora kuko basamze atamazina yabo ari ku ntonde z’abategerezwa gutora, abandi n’abo ugasanga bagiye gutorera ahandi mu gihe hari n’abandi wasanga batagira ibibaranga nka karangamuntu n’ibindi.

Morgan Tsvangirai yari yahiganywe na Mugabe, avuga ko amajwi yibwe urukombamazi. Amenyesha ko abantu babujijwe gutora, mu gihe abandi bagizweko iterabwoba. Arashimishwa n’ivyavuzwe n’umurwi ujejwe amatora ko utunenge twibonekeje, mu gihe we avuga ko ahubwo ari ibinenge aravye isinzi ry’abantu bankiwe gutora. Ivyavuzwe na Tsvangirai, bikaba bimwe muri vyo vyemezwa n’umurwi w’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika bari baje gukurikirana ayo matora.
Aristide Nizigire
Messages
12 Myandagaro 2013, 02:19, par jdjdj
test