Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe: Uwishe intare Cecil yamenyekanye
Zimbabwe: Uwishe intare Cecil yamenyekanye
mercredi 29 Mukakaro 2015
Inyuma y’urupfu rw’intare izwi cane mu gihugu ca Zimbabwe,abategetsi b’ico gihugu bamenye uwayishe ko ava mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Iyo ntare yitwa Cecil yari ifise imyaka 33 y’amavuko,yari izwi cane mu gihugu ca Zimbabwe,yishwe n’umunyamerika yitwa Walter Palmer asanzwe akora akazi ko kuvura indwara z’amenyo.
Abategetsi bo mu gihugu ca Zimbabwe bagumye biyumvira ko iyo iyo ntare yishwe n’umunyagihugu wo mu muri Espanye,ariko Walter Palmer yaravyiyemereye inyuma y’aho izina ryiwe rimenyekaniwe biciye mu binyamakuru.
Walter Palmer yavuze ko igihe yica iyo ntare atari azi ko ikundwa cane,kandi ifise agaciro nkako yari ifise.Aricuza kubona igikorwa yahora akora kandi akunda caheze iyo ntare ipfuye.
Palmer yavuze ko ata mutegetsi wo mu gihugu ca Zimbabwe aramuhamagara,ariko yemeza ko yiteguye gukorana nabo igihe bobimusaba.
Van Naris Mugisha
Messages
29 Mukakaro 2015, 13:11, par MOISE
NON IYONTARE YARIYARETA? CANKEYARIYISHAMBA ?
29 Mukakaro 2015, 15:17, par MUNYEMANA OBED
NONE IYO NTARE UWAYISHE YARAFASWE ARIMUMINWE YUBUTUNGANE KOVYABASHAVUJE ABOMWICOGIHUGU KUKO CARIKIBAFITIYAKAMARO
29 Mukakaro 2015, 15:39, par Zimbabwe
Mugenzi Moise, guhera kubanyagihugu nokubintuvyose birimugihugu vyose inyuma y’Inana bibarivya reta, ababishoboye kuvyerejana neza nink’Amerika aho atamintu ashoborakugira itongo icununtu yakorwra mwitongo atakibandanije itongo ricariba irya reta, ngombere numuntu afise inzuyiwe igize isanganya igasha akabadafise amahera canke ngwabafise insurance yinguvu yokumwubakiramwo iyindinzu ngwahoyaba hacahasubirana reta canke ama kanki bikorana. Harihonuwambwiyeko nigiti kirimbereyumuryango winzuyawe kibarica reta ngwariko igiti 99% ntaco ubukeneye kiretse 1% ubugikeneyeko agatutu nokuba kirimubidukikije.
29 Mukakaro 2015, 15:55, par NCUTIYABOSE
KIMUBBAZWA NINTARE NTIMUBABAZWE NINZIRA KARENGANE ZABANTU BAPFA BIRABBAJE.
29 Mukakaro 2015, 16:21, par fidelite
@ncutiyabose
Urantwengeje,mu bazungu,abirabure barutwa nimbwa ninyabu,intare yo c’est grave,ariko uyo munyamerica arabesha,je namubonye mu makuru asa n’abazungu batwaye aba noirs muri USA,burya yayishe ayibona kubera yaraziko ikundwa surtout n’aba zimbabwéens ,barya bazungu bo muri USA ni aba raciste ntibashaka ikintu na kimwe giha amahoro canke umunezero meme agaciro abirabure,za murahumuka yayishe express.Nico gituma bashaka kutuzanira la sodomie chez nous,c’est dégradant.
29 Mukakaro 2015, 17:15, par .
@ fidelite asha aha utavuze ko ari umututsi wayishe n igitangaza
29 Mukakaro 2015, 17:17, par .
@ fidelite asha aha utavuze ko ari umututsi wayishe n igitangaza
29 Mukakaro 2015, 17:21, par .
@ fidelite ahubwo biratangaje aho utavuze ko ari umututsi wayishe
29 Mukakaro 2015, 18:08, par kope
iyontare niribwe ninyama
29 Mukakaro 2015, 20:53, par emma
emma
wangu saba ikigongwe zimbabwe kuko wishe icigihugu gikunda nayahandiho ntibazogutinya ngurumunya merika ubutungane bwa zimbabwe buzo gukwirikirana nutasba ikigonwe.
29 Mukakaro 2015, 22:18, par Kariyo
Fidelite. Igikuru N, Uko Uwayishe Yamenyekanye. Aha Iwacu Uwishe Umuntu Ntamenyekana. Iyaba Bamaze Kukwicira Uwawe Ukabura Uwamwishe Wariguca Ubimenya. Ariko Ntavyo Ndakwifurije.
30 Mukakaro 2015, 14:59, par fidelite
@kariyo
Ivyo uvuze nivyo,ariko twebwe i wacu abicanyi barazwi gusa ntibafatwa,abo nabo ni ba buyoya,bikomagu,bagaza,nabandi basoda bose des anees anterieures jusqu’en 2005,abo kwa micombero,nibaza ko abo bafashwe twoba tugiye kwogorora