IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > AJAP risaba Reta y’Uburundi guhamagaza Michel KAFANDO kugira (...)

AJAP risaba Reta y’Uburundi guhamagaza Michel KAFANDO kugira yisigure

mardi 5 juin 2018

Mw’itangazo ry’Ishirahamwe AJAP ryo kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 5 Ruheshi 2018, Umukuru w’ishirahamwe AJAP, Eric NSENGIMANA, amenyesha ko badatahura ingene Michel KAFANDO yagize ico avuze ku matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro kandi ata murorerezi n’umwe yarungitse mu gihe c’amatora.

Muri iryo tangazo, umukuru w’ishirahamwe AJAP, asaba Reta y’Uburundi gutumako intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi, kugira yisigure kuvyo yavuze, ku bijanye n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Ishirahamwe ry’Urwaruka mparaniramajambere muri Afrika, AJAP, rirashimira sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, kuba ryaremeje ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Ishirahamwe AJAP risaba abarundi kubandanya batsimbataza gutekana, rigasaba Reta kubandanya ibikorwa biteza imbere Uburundi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Iryo shirahamwe AJAB riratwenza pe , mbega risaba Kafando ngo aze kwisigura mu Burundi , niryo ryamuhaye akazi ? Canke umurimo yoba yawushinzwe na Leta y’Uburundi ? Azisigura ku bamushinze igikorwa . Nayo Ajab na leta y’uburundi nibigumure mu kajagari kabo

  • Jewe sinshigikiye ko abo bantu ONU irungika mu bihugu ivyari vyo vyose bazana akantu ko guhengamira aha canke hariya.
    Ivyo tuvyumva mu bihugu bikenye gusa.
    Nubwo nuko n’iyo référendum yagizwe ngaha mba mu Bubuligi bateye kuri réforme yo gutungaya igihugu igira gatandatu nta munyagihugu babaza ngo emera canke hakana,.
    Aba représentants ba ONU barahari ariko ntaco babivugako.None mu Burundi ni ho barungika abazi akazi kurusha ahandi ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.