IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM isaba inama yo ku rwego rwo hejuru yiga ikibazo c’amasanganya yabaye (...)

PARCEM isaba inama yo ku rwego rwo hejuru yiga ikibazo c’amasanganya yabaye ndanse

Tuesday 9 October 2018, by vianney

Mu kiganiro umukuru w’ishirahamwe PARECM yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 9 Gitugutu 2018,Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko ayo masanga aba kumugararo abajejwe umutekano bariho ibihano ntibifatwe kandi n’itegeko rigenga uruja n’uruza mu mabarabara ririho.

Faustin NDIKUMANA avuga ko kenshi ayo masanga aterwa n’umuvuduko urenze,imodoka zipakira zikarenza abantu canke ibidandazwa,abatwara baborewe hamwe n’abakoresha terefone ngendanwa bariko baragendesha imodoka vyose bikaba abajejwe kubihana bariho.

Uyo mukuru wa PARCEM asaba ko abantu bigishwa ibijanye n’amategeko agenga uruja n’uruza mu mabarabara uwuyarenzeko nawe uko ari kose afatirwe ingingo iboneka ikwirikijwe amategeko.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.