IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Aba Scout mu Burundi barifatanya n’abo kw’isi kwibuka Baden Powell yatanguje (...)

Aba Scout mu Burundi barifatanya n’abo kw’isi kwibuka Baden Powell yatanguje umuhari

jeudi 22 février 2018

Valerie MBONIMPA (Guepe Humble) arongoye umuhari w’aba Scout mu gisagara ca Bujumbura, amenyesha ko kur’uyu wa kane igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2018, hatunganijwe imisa iza kubera ku maparuwase atandukanye, ikurikirwe n’igicaniro c’umunezero (Feu de joie).

Kubwa Valerie MBONIMPA, ibizokorwa mu ntumbero yo guhimbaza uwo munsi ntibizogarukira gusa mu masengesho, kuko bizoherekezwa n’ibikorwa vyo kugira isuku, mu bibanza bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura, harimwo n’ikigo ndangakaranga Musee Vivant, i Bujumbura.

Ibirori nyezina bitegekanijwe ko bizoba ku munsi w’Imana igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2018, bikazobera mu kigo ndangamico, ahazohurira imirwi itandukanye y’aba Scout mu gisagara ca Bujumbura.

Baden Powell yavutse kw’igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 1857, mu gisagara ca Londres, mu gihugu c’Ubwongereza,yitaba Imana kw’igenekerezo rya 8 Nzero 1941 i Nyeri, mu gihugu ca Kenya.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.