IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Abamenyeshamakuru barenga 93 barapfuye kubera umwuga wabo mu mwaka wa (...)

Abamenyeshamakuru barenga 93 barapfuye kubera umwuga wabo mu mwaka wa 2016

lundi 2 Nzero 2017

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abamenyeshamakuru(Federation Internationale des journalistes ) rimenyeshako mu mwaka uheze wa 2016, abamenyeshamakuru barenga 93 aribo bitavye Imana kubera umwuga wabo.

Mu cegeranyo iryo shirahamwe ryashize ahabona kw’igenekerezo rya 30 Kigarama 2016, rimenyesha ko ibihugu vya Irak na Afganistan arivyo bihugu vyaguyemwo abamenyeshamakuru benshi.

Ikinyamakuru FoxNews kimenyeshako igitigiri c’abamenyeshamakuru bapfuye cagabanutse mu mwaka wa 2016 ugereranije n’abapfuye mu mwaka wa 2015, aho abababa 112 aribo bishwe, ariko Irak na Afganistan n’ubundi nivyo vyaza imbere.

Muri abo, abashika 29 bapfuye bahitanywe n’amasanganya y’indege abandi bahitanwa n’ibisasu vyatewe aho baba bariko baronderera amakuru.

Ico cegeranyo gishira Irak mu kibanza ca mbere n’abanyamakuru bapfuye bashika 15, Afghanisitan ifise 13 bapfuye, Mexique 11, Yemen 8, Guatemala na Syria 8, Pakistan n’Ubuhindi 5.

Muri rusangi mu bihugu vyo ku mugabane wa Afrika hapfuye abamenyeshamakuru 8, Amerika y’Ubumanuko ni 24, mu Buseruko bwo hagati hapfuye 30, Aziya na Pasifike hapfa 28.

Philippe Leruth, arongoye Federation Internationale des Journalistes avuga ko ashimishwa no kuba ico gitigiri caragabanutse ,akavuga ko yizeye ko akarenganyo gakorerwa abamenyeshamakuru kazohera.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.