IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Abepisikopi katorika mu Burundi basaba gucungererwa umutekano

Abepisikopi katorika mu Burundi basaba gucungererwa umutekano

mercredi 10 janvier 2018

Mw’ikete ryateweko umukono na Musenyeri Joachim NTAHONDEREYE arongoye ihuriro ry’abepisikopi katorika mu Burundi CECAB, amenyesha ko iyo nama izohuza abepisikopi bavuye mu gihugu c’Urwanda, igihugu c’Uburundi, igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, hamwe n’abavuye i Roma.

Muri iryo kete, Musenyeri Joachim NTAHONDEREYE amenyesha ko ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 12 Nzero 2018, abo bepisikopi bazogendera impunzi ziri mw’ikambi y’impunzi i Bwagiriza mu ntara ya Ruyigi, mu ntumbero yo kwerekana ugushigikirana, kandi ko ishenegero katorika rishigikiye impunzi.

Musenyeri Joachim NTAHONDEREYE akamenyesha ko babimenyesheje abajejwe umutekano, kugira bafate ingingo zose zikenewe zo gucungera umutekano aho abo bepisikopi katorika bazoca.

Iyo nama iriko ibera mu nyubakwa zitiriwe umweranda Jean Paul II, kuva kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 9 , ikazorangira kw’igenekerezo rya 13 Nzero 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.