IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Bujumbura:Abakuwe ahariko hubakwa ibiro vy’umukuru w’igihugu basaba (...)

Bujumbura:Abakuwe ahariko hubakwa ibiro vy’umukuru w’igihugu basaba umuzibukiro

vendredi 26 Rusama 2017

Abo birukanywe muri ico kibanza bavuga ko kuva bahavuye baciye barondera aho baba barasaba indaro mu bagenzi mu kurindira ko baronswa umuzibukiro, kugira barondere ibindi bibanza bubakamwo.

Bavuga ko kuva birukanywe mu bibanza vyabo kandi n’amazu yabo agasamburwa, bagumye barindiriye ko boronswa umuzibukira ariko ntibawuronka.

Bakavuga ko nk’uko abandi bamaze kubikora, n’abandi bazogaruka kuba barashinga utuzu muri ivyo bibanza kuko ataho babona boja.

Kw’igenekerezo rya 11 Ndamukiza, umwaka wa 2017, niho imashini yaja gusitura amazu yubatswe hafi y’ikibanza kiriko cubakwamwo inyubakwa izokoreramwo umukuru w’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Nukuri turashimiye Leta yuburundi kumigambi myiza nkiyo ibandanya ikora kuko vyari biteye isoni gukwiza imyaka 55 yukwikukira umukuru w’igihugu akorera mumpangano. Ariko bibuke gutunganiriza abo bene gihugu bene ayo matongo ntibatugire nkabamwe batwomora za musaga na kanyosha mukuhubaka ibisagara ntibaduhe nuruhera rutoboye. Kandi turabizeye muribukako muri fruit yabenegihugu kuko mwavuye munguvu n’indugumba yabo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.