Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Itoni 18232 z’umwavu w’ikizungu ziramaze gutangwa ku barimyi" - Deo Guide (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > "Itoni 18232 z’umwavu w’ikizungu ziramaze gutangwa ku barimyi" - Deo Guide (...)

"Itoni 18232 z’umwavu w’ikizungu ziramaze gutangwa ku barimyi" - Deo Guide RUREMA

lundi 9 avril 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2018, umushikiranganje Deo Guide RUREMA amenyesha ko mu mezi atatu ya mbere y’umwaka wa 2018, ibikorwa vyashingiye ku gutwara neza no gutunganya neza ubushikiranganji, kwongereza umwimbu mu bworozi, mu burimyi no mu gisata c’amafi,guteza imbere ubushakashatsi bufatiye ku biterwa n’ubworozi, hamwe no guteza imbere ubuhinga bwo guhingura no kubika umwimbu.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi avuga ko mu gisata co gutwara neza no kwongereza umwimbu mu burimyi n’ubworozi, hakozwe ibitari bike vyatumye umwimbu wiyongera gushika ku rugero rushimishije, harimwo gutanga umwavu w’ikizungu n’ishwagara.

« Twarahimirije abanyagihugu gukoresha imbuto zirobanuye n’ifumbire y’ikizungu. Itoni 18232 yaramaze gutangwa, twaratanze kandi ku banyagihugu, itoni 2893 z’ishwagara, ku giciro kitavuna. »

Mu bijanye no guteza imbere ubushakashatsi mu burimyi n’ubworozi, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA asigura ko ico gisata kigeze ku rugero rushimishije gushika ku mezi atatu ya mbere y’umwaka, kuko ikigo kijejwe ubushakashatsi ISABU gishikanye ibice 21 kw’ijana mu vyo gisabwa gukora ku mwaka.

Mu gisata co guteza imbere ubuhinga bwo guhingura no kubika umwimbu, umushikiranganji Deo Guide RUREMA , avuga ko ubuhinga butatu bumaze gushirwaho, ubwo nabwo bukaba bushingiye ku bijumbu, imyumbati hamwe n’ibitoki.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.