Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi buremeza ubukene bw’ahaterwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi buremeza ubukene bw’ahaterwa (...)

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi buremeza ubukene bw’ahaterwa ipampa

jeudi 5 Gitugutu 2017

Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za Reta cabereye mu ntara ya Ngozi, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubururimyi n’ubworozi, Aimelance NIRERA yamenyesheje ko igiterwa c’ipampa cagiye kiragira ibibazo ahanini bijanye n’uko amatongo yagiye aragabanuka bivanye n’uko ahahora haterwa ipampa hubatswe amazu.

Aimelance NIRERA avugira ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi amenyesha ko naho biri uko, ubushikirangani buticaye, kuko buriko burakora ibishoboka vyose kugira amatongo yaterwamwo ipampa agarukanwe.

Ku bijanye n’uko hatoba hari ikibazo ku bijanye n’imbuto z’ipampa ziterwa zigatuma haboneka umwimbu udashimishije, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji amenyesha ko ubushikiranganji buriko burakorana n’igihugu ca Bresil kugira haboneke imbuto z’ipampa zirobanuye.

Mwomenya ko igiterwa c’ipampa kirimwa ahantu hashushe, nko mu bice vy’ikiyaya c’Imbo n’ikiyaya ca Kumoso.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.