IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Bujumbura:Batatu kuri batanu bagendesha imodoka bariko bakoresha terefone (...)

Bujumbura:Batatu kuri batanu bagendesha imodoka bariko bakoresha terefone ngendanwa

mercredi 14 février 2018

Nixon HABONIMANA avuga ko ibijanye n’umutekano mu mabarabara umuntu atovuga ko ari neza cane canke nabi cane, kuko hari akarusho kiyongereyeko bagereranije n’amasanganya yabaye mu mpera z’umwaka wa 2017.

Umukuru w’ishirahamwe rikurikirana umutekano mu mabarabara avuga ko mu bagendesha imodoka hibonekeza ingeso atari nziza, yo kugenda baritaba amaterefone ngendanwa canke bakagenda barandika ubutumwa bariko baratwara imodoka.

Nixon HABONIMANA amenyesha ko mu cirwa bakoze mu kiringo c’indwi zitatu,mu gisagara ca Bujumbura, basanze ku bantu batanu baba bariko batwara imodoka, batatu muri bo baba bari kuri terefone ngendanwa, ivyo navyo bigatuma haba amasanganya, abandi ugasanga bariko batuma abantu batiyunguruxs neza kubera mu mabarabara baca bagenda buke buke.

JPEG - 26.9 ko
Nixon HABONIMANA, umukuru w’ishirahamwe riraba umutekano mu mabarabara

Umukuru w’ishirahamwe rikurikirana ibijanye n’umutekano mu mabarabara, asaba igiporisi kijejwe umutekano wo mu mabarabara kurwanya ukudahana abitwa ko badahanwa kuko bituma haba akajagari mu mabarabara.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Andika hano.kuki janye nimpanuka zo mwibarabara ntimwibagire abagendesha baborewe.imivuduko nkirya rumonge murazi ingene imiduga aba driver bayigurura nkinyoni ziguruka.irya gitega bujumba umuduga urashobora kudubura iyindi kandi arimwikona izoningorane.imiduga yaheze ipakiye cene.imiduga itagira amapine mashasha izozose ningorane zivyara amasanganya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.